
IMPANURO KU BAKIJIJWE BARIKO BARITEGURA GUSANGANIRA UMWAMI YESU KRISTO.
Abantu benshi muri twebge Abarundi bameze nk’ibiti vy’amahwa, uko umuyagisha kwose, ukwo umwubaha kwose canke ivyiza womugirira vyose ategerezwa ku guhanda akakuzibura ku mubiri canke ku mutima.
Abo bantu bameze nk’amahwa y’imigunguma, bashaka kuzibira abo bazi n’abo batazi. Barahanda bagahanda n’umutima w’Imana. Kandi igitangaje ubasanga mubo mw’isi ukabasanga no mubigira abakizwa. Imitima myinshi yaravunitse kubera ivyo bikoresho vya satani.
Hariho ibintu nyamukuru uzobamenyerako :
- Barabesha, bakakubesha kandi bakakubeshera. Ivyo batabigize kuri wewe bagira kubandi.
- Ntaco bagera umutwe, ntawe badacokora, aho kuvuga ubutumwa bukiza imitima bugasomora imibiri bivugira ngo aba naba bimbe bigera kuko mu mitima yabo banezerererwa agapfa.
- Bakoresha imirongo yo muri Bibiliya Yera bakayikura mu rukirikirane rwayo kugira ngo iyo mirongo bayiye intumbero bashatse. Ni abazimiye baboshwe n’uburyarya.
- Barahuruduka kandi bama bashaka gupinga ijambo ry’Imana batazi ku buryo ico bavuze uyu munsi usanga bagihinduye uwundi munsi kuko bavuga amajambo atagira ubugingo. Uzawumva ngo:
- Imburi yose ijana n’umurongo. Namba Imana ivuze ngo reka gucumura ca uhagarika nta yindi mirongo ukeneye atari ukwihana.
- Babgire abantu ivyagegezwe bibacira urubanza aho kubamenyesha ibizira n’ibitazira mu nzira yo kugendana n’Imana ugaca ubereka inzira yo kunesha ukezwa.
- Izo ntumwa za satani , ijambo ry’Imana ryose zirisamira hagati kandi zikaricira hagati. Ntibazi yuko ubutumwa bg’Imana bguzuye ari ugukura umuntu mu vyaha vyiwe amenyeshwa n’ivyagezwe vy’Imana maze bukamushikana ku kwihana, ukwezwa n’ugutunganywa gose, akaba uwashitse ku musaraba.
Ariko weho mu Kristo, ntukamere nk’abisi kandi ntukamere nk’abanyamadini co kimwe n’izo ndadya tudondaguye kandi murazibona ku mihora.
- Weho ube umurwaneza mu mvugo no mugendo zawe kuko utwaye amabanga y’Imana.
- Weho ube agahore, wuzuye ubgenge n’ubgitonzi kuko abo bahuruduka kuko bakubagurwa na kamere kabo.
- Weho mwene abo bantu ntubisukeko, ubakundire kure, ntubahe umwanya wo guterana amajambo kuko naho wobigisha ni nk’amazi arwa kw’ibuye.
Ubu turi mu bihe aho:
-Umuntu wese yamenye Yesu Kristo aterezwa kwisuzuma akaraba yuko ataco apfa n’Imana.
-Umuntu wese ategerezwa gusukura Imana genderanire yiwe n’abandi akirinda ibimuhumanya, ibimudamaza n’ivyomuteshaguza vyose.
-Umuntu wese ategerezwa kwama afata imyanya yo gusoma ijambo ry’Imana no gusenga kugira ngo arongorwe n’ijwi ry’Imana.
- Umuntu wese ategerezwa kwama yumva yuko agakiza yahawe ku buntu kubgo amaraso ya Yesu Kristo akabungabunga kandi yuko yoteguriye kwakira isezerano yahawe.
Dufate imyanya yo guhimbaza Imana mu kuyishishima gusumba gufata imyanya yo gufatana n’ivyo biti bihanda bikagomba kuzibura n’abo bidahamvya.
Mwibuke ingene Yesu Kristo yishuye wa musore w’umutunzi yari yaritondeye ivyagezwe vy’Imana vyose. [Matayo 29:16-30, Mariko 10: 17-21, Luka 18:18-30]