


HARIHO IBINTU VYINSHI UHORAHO IMANA ARIKO ARAKORA KUBGO AMASENGESHO Y’ABERA.
Kenshi na kenshi, aba-Kristo turahanga gusenga twisonzesheje tukabikora, tugasenga tukarangiza. Hari aho tudaca tubona icahindutse aho nyene kuvyo twasengeye ariko mw’isi y’impwemu Imana yahejeje kubitunganya.
Iyo dusenga twebge dukwiriye kwizera yuko ivyo twasengeye bikoretse. Aho ni mu gihe biba bihuye n’ubugombe bg’Imana. [Mariko 11:24]
Mu minsi twarahawe gusengera igihugu cacu c’Uburundi. Duhabga gusenga yuko abapfumu n’abarozi bamburwa ubushobozi ntibasubire kugira ijambo n’ububasha. Abo bantu barambuye abenegihugu, kubera impwemu mbi bakoresha barakubaguye abantu batari bake barasasika inganda mu gihugu. Mu bakubagurwa harimwo n’abizera batamenye ububasha bafise mw’izina rya Yesu Kristo.
Kubgo amasengesho yanyu:
- Tumaze iminsi twihanisha abapfumu n’abarozi babiheba bakira agakiza ivyo bakoresha tukabiturira.
- Abapfumu n’abarozi batari bake barapfuye mu gihugu kandi n’ubu bakiriko. Uza wumva ngo ahanaka umurozi ya gidutse.
- Abakinzi, abakonikoni, abapfumu n’abarozi birirwa barafatwa mpiri bakavuga yuko bacanganikiwe.
Bakunzi b’umusaraba, urugamba ruracabandanya gushika dushitse ku ntsinzi y’umurava , igihugu cacu c’Uburundi kigaguburwa kugira ngo Abarundi bose babohorwe bave mu bushobozi bg’umwijima.
Semerere mubgire abantu bose yuko Yesu Kristo aje kwima ingoma mu gihugu cacu c’Uburundi. Ingoma yiwe ntishobora kubangikana n’iya Bayali.
Kuri ya minsi ya BIGURUKA bamwe bita kuwa kane w’indwi abandi bakita kuwa gatanu w’isabato ariwo Jeudi- Thursday, tuzoguma dusenga ngo uburozi, ubupfumu, ubukonikoni, ishano, isumu, ubudago, amahembe, ibitega, amageza, … birandurwane n’imizi mu gihugu cane. Dusenga dusambuza, dusaba ngo bisanganguke , biteshwe agaciro; ababikora n’ababikoresha nabi abashobora kwihana babivevyo bahindukirire Yesu Kristo, abadashobora kwihana, bapfe, bakenyuke baranduke kugira ngo igihugu cacu kironke impore. Ubushobozi bg’ijuru buriko burahuhuta ngo burandure ibinyiganyiga vyose n’igiti cose kitatewe n’Uhoraho Imana.