

UMWAMWI N’UMUKIZA WACU YESU KRISTO NTIYIGANWA UWIGERERANIJE NAWE APFA RUBI.
Uwufise amakenga arabaze satani. Yatanguje il ntambara mw’Ijuru aca akororerwa ikuzimu. Yahenze abantu bakora icaha Yesu Kristo aca yihindura umuntu aza gucungura abantu, arababazwa, arapfa arahabga, aja i kuzimu amunyanga imfunguzo za rupfu na kuzimu araziduhereza none ubu turidegemvya. Uwo Yesu Kristo ntawumwigana kandi ntawokwigereranya nawe. Barabaze abaroma n’abakuru b’abayuda bamutatanze akababazwa, abambga, agapfa hanyuma akazuka mbere agatako akaduga mw’ijuru.
Yesu Kristo: Niwe munago wo ku gishitsi ca Dawidi [ Ivyahishuriwe Yohana 5:5, Matayo 15:22, Mariko 10:48]
Yesu Kristo: Niwe mukizaw’isi yose, Umwami w’ubukiriro [1Yohana 4:14, Abikolosayi 4:2-12]
Yesu Kristo: Niwe mwami w’abami aje kwima ingoma nk’uko Uhoraho Imana yabisezeranye [ Daniel 2:37-44, Zakariya 14:9, Zaburi 45:3-6]
Abarundi barayamaze bavuga yuko gusara ari umwete. Ni ivyukuri gusara ni ubupfu buvanze no gushira ishaka muvyo usanzwe uzi yuko ataho bizogushikana. Nivyo vyadhikiye Lambert Muhimpundu mubona utwo yigira ku mihora ya Facebook na WhatsApp mukuba agasigo kikwegerako ibijuju n’impumyi bagakurikira ubgije ntibatahure yuko bariko bariyimbira icobo c’ubuzima budahera.
Ikibabaje ni umuntu afise ubgenge bgo gutahura ukuri kw’ijambo ry’Imana yizingitira mu buzimire yigishwa n’impumyi yiswe Muhimpundu Lambert nako Muyihimpundi Yoshuwa. Hari umuntu afise amatwi yo kwumva n’amaso yo kubona akurikira inyigisho z’isoni nke, ibiharadabu n’ubuzimire kuri Bibiliya Yera, kuri Yesu Kristo, ku masezerano, kuri isirayeli n’ubgoko bg’abayuda. Ivyo avuga mu majwi yiwe n’ivyo yandika agashira ku mbuga ziwe ni imigambge n’imihari, amadini n’amashengero, ibishushanyo , ubgoko n’ayandi mateshwa y’imburabgenge nyene. Ivyo yigisha si ubutumwa bgiza bubohora ababoshwe ni ugutsindagira intandara y’umuvumo mu bantu.
Bibiliya iratugabisha kandi ikatuburira yuko imburakimazi nk’izo zizobaho. Ikintu kimwe gusa kica kibagaragaza. Ico naco ni ivyamwa bama nivyo muzobanyenyerako. Aha ntitwokwirirwa turadondagura amafuti yabo. Raba ivyo bandika, ivyo bavuga n’amafoto bakwiragiza muca mubona ubupfunya bgabo [ Matayo 7:15-20]
Abana b’Imana aho bari hose bategerezwa gutera umugongo inyigisho zose zicanishamwo abantu, umuntu wese yigira canke yifatanya n’uwigira ngo ni Yesu Kristo canke icariho ciwe, umuntu wese atama imbuto nziza zo kugororoka. Amaserano Uhoraho Imana yasezeraniye Ihanga ry’Abarundi, yayasezeraniye abizera, abatahuye kandi bihanye ivyaha vyabo, abitunganije bakezwa maze bakarongorwa na Mpwemu Yera.
Amasezerano y’Imana ntiyahawe uyu mpemukendamuke, uyu mpemayuzuye mubona yiyandikako utuntu ku ma foto kandi n’abamukurikira bakurukira ubgije. Ni mukebanuke muve inyuma y’uwutagira iyo aroye atari mu mahonero, nta bgami afise nta n’ubgo azigera agira. Kurikire Umwami n’Umukiza Yesu Kristo arababohora, abahe intumbero y’ubuzima kandi abashikane ku masezerano [ Yohana 14:6, Matayo 7:13-14, Yohana 8:12, Zaburi 18:1-2, Zaburi 34:17-18,?Abaroma 8:1-2]
Que Dieu vous bénisse richement. Imana ubwayo ntiyigeze narimwe yemera umwana w’umuntu ayigereranya. Ngira nguhe akarorero wewe wo ,uriri muriryo Hanga ry’Imana. Ivyo wanditse nivyo ijana kw’ijana (100/100). 1) Hari Teyuda na Yuda Bibiliya ivuga ko bitangiye imbere yiza ryambere rya Kristo Yesu. Abo ngo bapfuye rubi. 2) Hari Uno musi benshi cane ,ubihugu vyinshi cane bagiye bihagurutsa ngo ni ba Messiya. – Ejo bundi ho hari uwaje yiyita ngo ni Kristo Yesu yahinduye izina; ngo yitwa William Soto Santiago aba hariya muri Chili (Puerto Rico). Uwo aheruka kwicwa na Cancer yo mu muhogo ejo bundi ,uri 2019 umengo hari nko mukwezi kwa 3. Yapfuye atagisohora n’ijwi. Yari yarashize Satelite yiwe yitwa AMAZONAS, iyo ahendera ko abantu amajambo yo kwishira hejuru. Na nubu abari baramukurikiye, basesaguye utwabo, ngobariko baterera Igisengero Kinini bokwinjiye akiriho, barabuze ayo bacira nayo bamira. Ubu bariciye ibice, bamwe ngo ari muri Paradiso kwiyereka abariyo ngo vuba cane azoza abazanye, ngo baje kwinjira ico gisengero. Qbandi nabo bati oya suko, uno musi ni Mpwemu abera hose icarimwe n’Imana ikwiye hose. – Bamwe bati ni Malayika wo muri Ivyah. 22:16, abandi nabo bati ni Yesu Kristo yaje afise irindi zina rishasha. – Wibuke ba KATIKATI Armand; ba KACOU Philippe, ba NDEGE Mkali, ba Joseph MUKUNA, ba Joshua MIGURUMIKO, ba Papa b’i Roma (Vicarius Filii Dei), gisobanura ngo Icariho c’Umwana w’Imana kw’Isi, ari naco 666 kiri muri Bibiliya. n’abandi benshi cane bamaze gupfa kuko banabo nkuko ubivuga ubwo nyene baca bapfa rubi. Kandi nibazako n’abandi benshi bakiriko baraza gushika Kristo Yesu w’Ukuri aje Nk’Umuhungu wa Dawidi aje kwigarurira vyose. Ivy’impwemu n’ivy’umubiri
Le mar. 12 oct. 2021 à 02:43, Ihanga Ryera ry-Imana a écrit :
> Ihanga Ryera ry-Imana posted: » UMWAMWI N’UMUKIZA WACU YESU KRISTO > NTIYIGANWA UWIGERERANIJE NAWE APFA RUBI. Uwufise amakenga arabaze satani. > Yatanguje il ntambara mw’Ijuru aca akororerwa ikuzimu. Yahenze abantu > bakora icaha Yesu Kristo aca yihindura umuntu aza gucungura aban » >
J’aimeJ’aime