Imburi n’ubuhanuzi: Uko umusavyi w’Imana yeretswe isezerano rigiye gushitswa.

IVYO UMUSAVYI W’UHORAHO IMANA YERETSWE KU GUSHITSWA KW’ISEZERANO KU GIHUGU CACU C’UBURUNDI.

Mu kwandika ivyo yeretswe twakuyemwo n’ibigirankana amazina y’abantu duhitamwo kuvuga muri rusangi kuburyo umwe wese ashobora gutahura. Ariko uwufise ico yerekanyweko wese turamushikira tukamuha imburi yiwe uko yoba angana kwose. Ntidushikiriza Ihanga ry’Abarundi ibiryoshe kwumva n’ivyo abantu bipfuza kubona vyonyene. Kugira ngo tuburire abantu bose ku biri imbere, tubabarira ukuri kwose kugira ngo bamenye ingene batumbereza amasengesho yabo no kubaho kwabo.
Umuntu arashobora kwibaza ati kubera iki mushikiriza abantu ivyerekanywe, imburi n’ubuhanuzi; mugomba gushika kuki canke muhera iki agaciro ka ngana gutyo ivyerekanywe, imburi n’ubuhanuzi; ni igiki kibemeza yuko ivyo ari ukuri?
Ikintu catumwe ishengero riri mw’isi rita intumbero ntiryashobora gushikana amahanga kuco Uhoraho Imana yashiriho Ishengero, n’uko kuva igihe Yesu Kristo adugirijwe mw’ijuru intumwa ziwe zikaburabuzwa zikicwa mbere no mu vyizerwa amadini agasukamwo imigirwa n’imigenzo vy’igipaganani, n’uko bimye umwanya Mpwemu Yera ngo ahishure, yigishe, ahanure, akosore kandi akomeze ishengero riri mw’isi.
Twebge nk’ishengero rya Yesu Kristo- IHANGA RYERA RY’IMANZ, twahisemwo guha umwanya Mpwemu w’Imana kugira ngo aturongore mu nzozi, inyereko, ubuvugishwa, imburi n’ubuhanuzi. Ivyo vyose tubanza kubisuzumisha ijambo ry’Imana ryanditse muri Bibiliya Yera bikongera bigashingirwa intahe na Mpwemu wo guseza izindi mpwemu twahawe. [ Abaroma 8:14, Yesaya 11:2, Abayefeso 1:13-14, Yohana 16:7-11]
Ku munsi umwe wa 10/10/ 2021, mugabo ku ncuro zitandukanye n’ibihe bitandukanye, umusavyi w’Imana ari hagati mu gihugu c’Uburundi yagiye mw’iyerekwa maze araheza atubarira ati:

  1. Ukugabisha abateye umugongo imburi n’ubuhanuzi.
    “Ndiko ndasenga uyu musi niho nabona Umumalayika aje ahondi aca aranjana mbona anduganye ahantu kumusozi ntamenye. Niho yambgira ngo abapinga nimubareke bapinge abatigeze bumvira Imana, imburi n’ubuhanuzi yacishije mu bavugishwa batandukanye yashikirije ihanga ry’Abarundi maze bakanka kwuva bagahitamwo kuncokora, ndaje nimare ishavu kandi igihe ni ki nyene kiregereje.
    Uwagamitse izosi wese akanka guhanurwa jewe Uhoraho ndiyiziye mpigure nawe, ehe jewe Uhoraho narirahiye kandi naravuze ko ntazo subiza isezerano inyuma kuko jewe ndi IMANA itivuguruza kandi ntaho nzigera mpemukira Ihanga natoranije kuvyo nabasezeraniye.
    Ndabgira abo nashizeko ikimenyetso jewe Uhoraho nti reke kwivayanga ngo musubire kuvyo mwadashwe kandi ndabgira abo nashizeko uburinzi bareke kubgikurako kuko vuba ndaje nkigisuma kandi ndabubiriye. Umuhirwe ni uwama yiyeza kuko nababuriye kenshi ariko mwanka kunumvira!”
    Ahejeje kumbgira ivyo naciye numva nyamugigima nini cane gose iteye n’ubgoba nca numva abantu bakoma amashi menshi cane icarimwe ariko sinabonye aho bayakomeye canke ngombone abayakomye abaribo. Niho naza numva ngo: “Ababakomye amashi ni abari kumavi bateramiye isezerano” Niho yaciye yongera kunfata ukuboko arangarukana nisanga nashitse aho nariko ndasengera. Nshitse aca ambgira ati: “Ntavyishi mukimbaza kuko vyose narabikoze kandi ifirimbi naramaze kuyivuza n’isaha yanje yarageze. Rindire imisogonda mike ikwire muheze mumbone uburake buziye abanyavyaha” Aca aragenda sinasubiye kumubona.
  2. Iyerekwa ku ntambara n’uguhona kw’abatizera.
    Haciye akanya gato nongeye kubona uwuje yambaye impuzu nkizumwe wambere aca anfata kandi ukuboko maze arambgira ati :”Ingo nkwereke ibigira bibe.” Nabona yarakikijwe ninkota impande yiwe zine nkabona nyamuntu akaze cane guko imvugo yiwe yari uteye ubgoba yakaze. Hanyuma nzakubona turi mu ntambara nyishi abantu benshi bapfa n’inzu yaba iyugaye twabona twashitse imbere muri yo tutarinze kwugurura, nkabona afata abantu abica abandi bagakoma induru nyishi cane, nkumva ibikoho vyishi ntazi ababirasa iyo bari bisamirana. Abantu babasanga iyo binyegeje mu mazi amazu bakayabomagura bakurayo, bakabica nkumuryango ugahona wose nyene atakigongwe nkabona mu masengero abahungiyeyo babakurayo bakabica; nkabona abakozi b’Imana babica hari nabo baca ibimuga.
    Nzakunona kandi umutegetsi mukuru bamwishe bamutegereye munzira babanje kwica abamugendanira biwe bose kandi bishe nabi nubgo vyagaragara ko umuntu yapfuye bongezamwo amasase menshi cane. Niho nabona amabarabara yuzuye imivyimba myishi. Ariko hari abo wasanga bariko barasenga ugasanga bakikijwe n’ingabo nyishi atanakimwe babagize. Niho nasubira kubona Uburundi bgose amazu menshi yasenyaguritse hasigaye ari nkubugaragwa. Ivyo iyi ntambara nabonye sinobidondagura vyose ngaha canke ngo mvyandiko ngo ndabimare ni birebire cane gose biteye n’akoba.
  3. Ingene umugeni agira atabaruke.
    Niho hagera umwanya mpejeje gusengera abageni bagira batabaruke, nca nabona kandi umu Malayika aje avuga ngo: “Uhoraho araje! Uhoraho araje! Uhoraho araje gutora umugeni!” Aca ambgira ngo: “Uwabatumye agira abakomeze imitima kuko igihe cisarura kirageze. “Niho nabona abantu benshi bambikwa impuzu zera derere nkabona bambara n’ibitsibo munda bakenyeza nkabona bariko bararirimba kandi banezerewe cane. Haciye haza umurwi w’ingabo urabazunguruka urabazingira maze baca batangura Kubica. Ico gihe ikirere caciye gihinduka kirakayangana cane nkabona imishwarara myishi cane imanuka kuri babantu bicwa. Haheze akanya sinasubiye kubona vyabiziga nkabona za ngabo zifata utwana dutoduto zitwegeraniriza hamwe ukwatwo ariko nkabona twambaye amakanzu meza. Niho natwo nyene baca batwica ncambona inyenyeri zaka cane zifise umuco mwishi cane, nkabona umuco wazo urasira kuri vyabiziga ariko navyo nyene sinabomye iyo bikamanganira kuko aho vyari biri ntanigiti nasubiye kuhabona. Munyuma niho naciye mbona nanje nkikijwe ninyenyeri zitatu nca numva ijwi rimbgira risemerera ngo: “Singire ubgoba abana bawe bakwitangiye imbere kandi igihe uzoza bazogusanganira bagufitiye igishika cinshi cane buzuye ivyishimo. “
    Nkabona mpagaze ahantu heza cane kandi nkabona umwango w’ivyuma ukayangana ariho mpagaze. Niho nabona ndiko ndabasezera ariko jewe sinijiye imbere sinabonye uko hameze. Nabona bambgira ngo: Uzogumane ishaka ryo kuragira Intama zisigaye”. Ariko uwo mwanya ababimbgira sinabona kwarabantu buntu kuko nabona bambaye amakanzu meza cane akayangana. Niho vyanka ko ndahava kuko nanje numva nashaka kwinjira aho nabonye abandi baja ariko baranyankira abari bacunze aho kurugi.
    Niho naza mbona umu Malayika ampaye igitambara ciza cera cane derere yakizinze mbona ampaye n’ibirato, mbona arabinyambitse aca anshira amaboko mumaso acambaza ngo:” Hari ikindi ukeneye kugira umanuke kw’isi?” Nanje ndahora acambgira ati: “Hari vyinshi utarakora mw’isi bikurindiriye, nico gituma ndakurungitse.” Niho naza mbona ariko aransiga ibintu ku maboko yose bitukura nk’amaraso nca mbona inuma ije iraguruka itambatamba hejuru yanje nkabona umuco munini hejuru yanje n’imishwarara, haca hazamwo n’ikinyenyeri gica ibibatsi kiraza kinca imbere maze amaso amera nkayadasubiye kubona. Niho nagenda nkwirikira umuco waco iyo kiregera nza mbona nashitse kw’isi mbona ndikumwe n’umuMalayika aca ambgira ngo: “igihe co gutora umugeni kirageze.”
  4. Ingene intsinzi y’abera igiye gushika ku gihugu c’Uburundi.
    Kuri uyu mugoroba ndangije gusenga naho nabonye abamalayika bakikije igihugu c’Uburundi nkumva urwamo rwinshi cane nkabona abasoda benshi ntazi bari mu mabarabara no ku misozi. Nabona imiduga mu mabarabara iriko irasha bayiturira niho numva ijwi rivuga riti: “Ndaje bgoko bganje natoranije kandi ngira nshitse ico navugane namwe.” Ubgo nye niho nazambona amabendera abiri, rimwe nabonye yuko ari iryo Ihanga Ryera, irindi ntaryo namenye.
    Niho nazambona kuri ryabendera ry’Ihanga Ryera haje umu Malayika aca aritereka ku gitandara c’ibuye rinini cane, rica ibibatsi risayangana. Haruhande nahabona hariho Umusaraba. Niho nabona abandi bazanye ryarindi bendera ntazi barishinga mu mazi menshi cane. Hari ahantu hari umukuba wamazi rikaguma rigomba gutwagwa. Niho naza kubona abantu benshi biciyemwo imirwi nkabona bamwe begamiye ibendera ryiwabo abandi iryabo bakavuga nkabapinga ngo turaraba abashigikiwe abaribo. Ubgonye niho naciye mbona Yesu Kristo abamvye ku musaraba mbona uwo musaraba abamvyeko wururuka bukebuke utumbere hamwe kuri wa murwi wariko ibendera ry’Ihanga Ryera maze nzambona wamusaraba ushinze hamwe n’iryo bendera ry’Ihanga Ryera.
    Nza mbona Kristo Yesu avuye kuri wa musasaba. Gusa mu maso ntihaboneka kuko yakayangana cane. Yaciye asiga amaraso kuri ca gitandara c’ibuye gishinzeko rya bendera ry’Ihanga Ryera ry’Imana, aca yongera abarira ikintu abari ngaho muri uyo murwi w’Ihanga Ryera ry’Imana nabo baca barakoma amashi menshi cane. Yesu Kristo ahejeje kuvuga ivyo yaciye yigira ntitwasubiriye kumubona. Babandi bari bafise rya bendera rishinze mu mukuba mu mazi baca barijirwa barababara cane.
    Naciye mva muri iyo yerekwa. Yesu Kristo ni yamamare!
    Urashobora kuba wibaza ibibazo vyinshi canke udatahura imvugo y’Imana mu nzira twebge tuyitahuramwo. Urashobora kuba wibaza yuko ushobora kutwigisha, kutwunganira canke ukaba ushaka kugira ico ushikirije.
    Kumbure urafise ivyo werekwa ushaka gushikiriza canke insiguro ugomba yuko woronswa. Urahawe kaze kutwandikira umwanya uwariwo wose ukoresheje imihora y’Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana.
    http://www.abisezerano.com ihangaryimana@gmail.com whatsap: +257 61404181 & +1 914448 3650

Votre commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l’aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s