Twatanguye amasengesho ya Daniyeri gushika dushitse aho twateguriwe

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGA AMEZE NKAYA DANIELI

Umukozi w’Imana Daniyeli, abonye utwo abantu bigira kugira ngo bagirire nabi abizigiye Uhoraho Imana, ntiyafashwe nk’ubgoba, ukwiganyira canke ishavu kugira ngo akore ivyo atokoze. « Yagiye munzu iwe, akama yuguruye amadirisha yerekeye iwabo i Yerusalumu; akomeza gupfukama gatatu gatatu ku munsi asenga Uhoraho Imana yiwe kandi ayikengurukira nk’uko asanzwe abigenza » Daniel 6:10.
Uwizeye Yesu Kristo kuba Umwami n’umukiza wiwe, aho ari hose mu gihugu canke mu mahanga asabge guhera uyu munsi mugaturuturu igenekerezo rya 13/10/2021; kwugurura amadirisha yerekeye i Burundi, uze urapfukama gatatu gatatu ku munsi usenga Uhoraho Imana yacu usengera ibi bikurikira:

  1. Shimira Imana yuko uriko kandi ushoboragupfukama ugasenga.
  2. Sengera uburinzi ku bugingo bgawe, ubugingo bg’umuryango wawe n’abo ukunda bose.
  3. Sengera umugeni wa Kristo Yesu ariko aratabaruka muri ibi bihe. Aguma aduzwa ku munsi ku munsi kandi ibitigiri biriyongereye.
  4. Sengera abera bose. Abizeye, bakihana ivyaha vyabo vyose bakezwa kuko barindiriye ugutabarwa n’Imana.
  5. Sengera amasezerano y’Uburundi bushasha twahawe, aho ata muntu n’umwe azosubira kwicwa, guhohotererwa ubuzima ukwanganzwa, uguhamwa, ugusonza…
    Ntihakagire umuntu n’umwe asubira guha ikibanza iterabgoba rya satani ngo aba n’aba bazobahiga babagirire nabi, rero ngo ni mwinyegeze canke mukore ibi na biriya. Uwatunganije n’Imana wese yokwama azirikana:
    -Yuko Ingabo zo mw’ijuru zururutse kuturwanira no kudukingira.
    -Yuko dufise isezerano ko tutogira ubgoba kuko Imana izokwama ituzigamye kandi ibishingira intahe ku bicaniro vyose.
    Umuntu wese ico asabga ni ukuja iwe ntahave kandi akama yuguruye amadirisha arabana ni Yerusalemu ( Amasezerano twahawe, uburinzi no gushikama mugashira amanga mu gakiza)
    Ni ugire aya masengesho dutanguye akubere ubuzima bga minsi yose gushika umaze gushika aho Uhoraho yaguteguriye.
    Umwami Yesu Kristo yamamare, Amen!