Uwutaramenya yuko satani yamaze kwinjirana Ihanga ry’Abarundi ni arabe ibimenyetso.

UWUTABONA IBIMENYETSO VY’IBIHE TUGEZEMWO AKWIRIYE GUHUMUKA

Muri iyi minsi aho bamwe mu bitirirwa Kristo baja ku rusengero ngo bahamagare Uhoraho Imana, hari abandi ku minsi y’amasengesho baja ku masengero kuja kwicana, guterana amabuye no gutukana. Ivya vyabaye kuri uyu wa 16 na 17 mu madini atandukanye ya adventistes na vivavante kandi bikaba mu ntara zitandukanye za Bubanza, Rumonge na Karuzi ku mwanya basanzwe basengerako. Umuntu aigaye aja ahitwa mu ngoro y’Imana ntamenye yuko agaruka canke agakomerekerayo!!!
Uwutaramenya yuko satani yatwinjiranye mw’Ihanga ry’Abarundi kandi tukamureka akidagadura mu guha ibinoko abakijijwe, aba-Kristo n’abahawe isezerano mu kwama abacokora ngo bagiye kurimbuka batamupfukamiye. Uwo si uwundi ni Lambert Muhimpundu yiyita umwami w’ubukiririro w’abaremwe, umunago wo ku gishitsi ca Dawidi kandi Yesu Kristo we nyene ariwe mukiza w’abantu akaba n’umunago wo ku gishitsi ca Dawidi. Ivyo Abarundi barabibona bagahora kuko bagira bati yaramaze kurohama abandi bakizagira ngo ivya Lambert Muhimpundu yarisariye ni mumurekere ubugugu bgiwe ameze nk’intozo ikokezwa n’abahigi kuko afise uduhungu twinyererezi tuguma tumushurura nawe akaja narwo. Uyo mukozi wa satani akwiragiza amateshwa yiwe ku mbuga ngurukana majambo yama yishongora mu bintu bizize kandi bizana umuvumo mu gihugu navyo bikaba ari imigambge, amadini namoko ivyo navyo akaba atari ubutumwa bgo muri Bibiliya. Uwo yoroherejwe n’uko imico n’imigenzo y’ubuntu, ubupfura n’urupfasoni vy’abarundi vyononekaye abantu bakabiereka uko.
Uwutaramenya yuko ibara ryaguye mu Burundi kuva hejuru gusika hasi mu nzego z’igihugu no mu nzego z’ishengero, arakwiriye kwugurura amaso abone ibihe tugezemwo:

  • Aho abategetsi batwara kandi bari bashinzwe gutunganiriza abanyagihugu bose bankana bakipfurizanya urupfu hagati yabo.
  • Aho abategetsi b’igihugu bica amasinzi n’amasinzi y’abagabo babahoye ubgoko bgabo bakabazika mu binogo rusangi kakaba akanizwe n’ingoma.
  • Aho ubutegetsi bgubahuka bugashiraho indome I na U kugira ngo babuze ubgoko bumwe kwiga no guca ubgenge.
  • Aho gushika n’uyu munsi umucamanza adatunganiriza abantu ahubgo agurisha ingingo afata kubamupfumbatishije.
    -Aho abakozi bakuru ba reta bagabangana miliyaridi 45 yokoze umugambi w’iterambere ry’Abarundi.
  • Abategetsi bo hejuru harimwo n’umukuru wo gihugu, umushikiranganji n’abandi bategetsi batoteza umuntu bakamwirukana mu kazi bose bamutunga urutoke ngo afise amakosa menshi kubera gusa atemeranya nabo mu vyaha barerekera.
    Uwutaramenya yuko ukuri n’ubuntu bikwiriye kugarukirwa mu gihugu cacu yorabira ku ngingo zifatwa n’abashikiranganji, aca atahura aho igihugu kigeze:
  • Aho umugore asimbira ku mugabo, umugabo agasimbira ku mugore, umunyagihugu asimbura ku wundi akamubiga, akamucumita, akamutema canke akanutasa.
  • Aho abantu bafata ibirwanisho bakirasa, abandi bakimanika.
  • Aho abantu bagize umugenzo gutanga ishano, gutanga uburozi, kugaburira abandi isumu mu biribga no mu binyobga.
  • Aho umuntu ateye imbere canke agize ico arushije abandi bamugirira ishari bakamuvuga nabi, bakamwimba mu mizi kandi abantu bagakwiragiza urwanko mu bantu bose.
  • Aho abantu bafatwa n’ibisazi mu ntara zose zigihugu bakavyita ishavu canke ukwikingira; hakaba abanyuruza abandi kundwi kundwi bakazimanganya ubuzima bgabo hakama habaho impfuvyi n’abapfakazi imyaka 50 ikarangira kandi ubgo bubisha bukaguma bgibonekeza mu gihugu; bukava mu bgoko, bukimukira mu migambge, mu madini no mu basangiye imiryango.
    -Aho hari Abarundi batagira ivyo bafungura bakirirwa inzara canke bakabura; aho hari abarundi barwara bakabura ingene bivuza.
    Abarundi bararushe kandi ivyo vyose birerekana umuvumo ku gihugu. Abari hanze n’abari mu mu gihugu bafise umutima w’impuhwe barananijwe n’amarushwa n’amagorwa ariko arashikira Uburundi, igihugu cacu.
    Ihanga Ryera ry’Imana, twahamagawe nawe Uhoraho wadudoranije ngo dusenge nawe wikorere; turi ku mavi dusengera Uburundi bamwe bapfukama gatatu gatatu ku munsi nk’uko Danieli yabigenza mu bihe bigoye abandi dupfukama incuro indwi ku munsi nk’uko Dawidi yabigenza kugira ngo utwumve Uhoraho Mana yacu.
    Ko Uhoraho Imana yatumye abavugabutumwa, abahanuzi n’abasemerezi mukanka ku bumvira;
    Ko twataye ukwizera ivyo ukuri tugakimbukira amaronko n’izindi nyungu zo mu mubiri gusa;
    Twese twomenya yuko “Uhoraho Imana yemeye kurungika umwana wayo w’ikinege gupfa urupfu rubi kugira ngo icungure abantu, ntazobura kurungika ba Ruburakigongwe kwica abagomba gusubiza abo yacunguye mu buja bg’ivyaha n’umugararizo basukwamwo na satani”