
UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA RYOSE.
Muri ibi bihe umuntu wese afise amaso yo kubona no gutahura arabona yuko hagezeko abizera Imana bose bihana ivyaha bakora, bakezwa kugira ngo basenge Uhoraho Imana kuko igihe ari iki. Natwe mw’Ihanga Ryera ry’Imana dufise amahirwe yo kugendana n’Imana ikaturongora muri vyose. Niyo yadutumye gutumurira abantu bose aya masengesho.
UMUTUMIRO W’AMASEZNGESHO YO KWIYIRIZA NO GUSENGA KU BARUNDI BOSE
Uhoraho Imana yo mw’ijuru arasubiriye gutumirira amasengesho umurundi wese aho ari hose mu gihugu canke mu mahanga. Aratumiye kandi incuti z’Abaraundi bizera Umwami wacu Yesu Kristo n’ihishurirwa riva kuri Mpwemu Yera, kwifatanya n’Ihanga Ryera ry’Imana ryose mu masengesho yo kwiyiriza ubusa no gusenga Uhoraho Imana. Ayo masengesho azoba kuwa KARUHUKO, SAMEDI, SATURDAY igenekerezo rya 25 uku kwezi kw’icenda NYAKANGA 2021. Hariho abahizi biyizi bazoba bayatanguye kuwa BIMERA-Mardi-Tuesday igenekerezo rya 21/09 n’abandi bazoyashikiramwo ku munsi wa BIGUKA-Jeudi-Thusday igenekerezo rya 23/09/2021.
Ihanga Ryera ry’Imana ritumiye muri ayo masengesho Abarundi bose, abakuru n’abato, abari mu nzego za Reta n’abikorera ivyabo co kimwe n’amashengero yose yemera yuko Uhoraho Imana ashobora vyose akora ibitangaza. Umuntu wese asabge gutumirira mugenziwe, umuryango, umubanyi wiwe, abo arongoye n’abo basangiye ibikorwa muri aya masengesho yo kwitanga. Twese duhaguruke tuje imbere y’Uhoraho Imana yacu twumve ico avugana natwe.
URUFATIRO
Igihe cose Uhoraho Imana ahora adutumako ngo twiyeze dusenga aba afise amabanga menshi aba agira aduhishurire n’ikintu gihambaye aba agira akore mu gihugu cacu no mw’Ishengero. Umugambi w’Imana wama ari mwiza kubo yaremye bamwizera bakamwubaha.
- “Uhoraho abarira Mose, ati Genda ku bantu ubabgire biyeze uyu munsi n’ejo, bamesure impuzu zabo.” [Kuvayo 19:10]
- “Maze Yosuwa abarira abantu ati, ni mwiyeze kuko ejo Uhoraho azokora ibitangaza muri mwebge” [Yosuwa 3 :5]
URUTONDE
- Guheramumutwenziisahaicendaz’ijorogushikaisahacuminazibirizomu gatondo, umuntu wese azokwisuzuma aho yacumuye n’aho yagerereye
1kure y’Imana maze asabe imbabazi yihane yiyeze kugira ngo ashobore
guturukira mu nyonga h’Uhoraho Imana. - Izuba riserutse mu gatondo isaha icumi na zibiri gushika isaha zitatu
z’agatondo, aho umuntu wese azoba ari azotazira, aririmbe, asenge
ashima Uhoraho Imana ingene ari mwiza. - Kuvaisahazinemugatondogushikaisahaindwiz’umurango,umwewese
azosengera imitwaro itandukanye yo kugiti ciwe n’umuryango wiwe yongere asengere n’imitwaro rusangi:
- Tuzosengera amasezerano Imana yahaye igihugu cacu ngo iyashitse;
- Tuzosengera umugeni yimirije gutabaruka;
- Tuzosengera abarongozi b’Ihanga Ryera ry’Imana, abungere, abanyengabire n’abatahuye umugambi w’Imana bose;
- Tuzosengera uburinzi ku bubaha Uhoraho Imana bose.
- Tuzosengera abana bato, impfuvyi, abapfakazi, abagendana
ubumuga n’abageze muzabukuru. - Tuzosengera abarwaye, ababuze uruvyaro, abagomba kwubaka
izabo, abugarijwe n’ubukene, abapfunzwe, abahunze n’abari mu
mutekano muke.
- Kuva isaha indwi gushika isaha icenda, umwe wese azohwekera imbere
y’Imana, abanze amatwi y’impwemu n’ayo umutima kugira ngo yumve ijwi ry’Imana, ahabge ihishurirwa na Mpwemu Yera. Twese tuzokwumviriza ico Uhoraho Imana aduhishurira. - Kuvaisahaicendagushikaisahaiciminazibiriz’umugorobaabantutwese tuzoba turiko turigina, duratazira Uhoraho Imana. Tuzosenga, turirimba tuvuza ibicurarangisho vy’ubgoko bgose, dushima, dutamba, dukenguruka yuko Imana yacu yavuganye natwe, yuko igiye gushitsa isezerano no kwishura imitwaro yacu.
Abazoba bamaze iminsi itanu mu masengesho n’abazoba bamaze iminsi itatu mu masengesho, ari abiyiriza gusa canke abo ataco bazoba bashira ku munwa co kurya canke ico kunywa, twese tuzosozera ayo ma sengesho ku mugoroba w’igenekerezo rya 25/09/2021 twigina intsinzi. Ntutangwe kwibonanira na Yesu Kristo amaso mu yandi no kwumva ijwi ryiwe mu gusenga wisonzesheje.
UMWAMI N’UMUKIZA WACU YESU KRISTO YAMAMARE!