Ni muze tufadikanye urugendo rugana I siyoni.

UMWAMI WACU YESU KRISTO NI YAMAMARE MW’IJURU KW’ISI N’IBGINA.

Muri we niho hari uburuhukiro n’ubukiriro, Isabato y’ibihe bidashira. Muri Yesu Kristo harimwo uburinzi ugukira n’ugukingirwa ingwara z’umutima, umushaha, impwemu n’umubiri. Muriwe tuhasanga gukira ivyago n’ivyagaga, ivyagutera ubgoba bigahinduka ubusa maze ivyakwiruka inyuma ukavyirukako.
Muri we wenyene niho hari ukuri, hari ubugingo nkandi hari n’inzira y’amahoro n’mahirwe yo gushika mw’ijuru.
Ijwi ryiwe rihamagara icapfuye kikaba kizima. Iryo jwi rihamagara ibitabaho bikabaho. Iryo jwi niryo rivugana n’uwizera wese rikamuha amabanga y’ivyarenganye, ibiriho n’ibizobaho.
Yesu Kristo niwe yaduhamagaye natwe turitaba. Yadutumye kwitandukanya n’amadini n’ivyiyita ivyo Imana kandi arivyo abantu.
Mw’Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana hari ivyo twemerewe n’ivyo tutemerewe.

  1. Tuvuga ukuri kwose kw’ijambo ry’Imana.
  2. Impwemu zose tuzisuzumisha ijambo ry’Imana n’igishingantahe ca Mpwemu Yera.
  3. Turabatiza, tugategura ameza y’Umwami kandi tugahezagira abana nk’uko duhezagira n’abubakanye.
  4. Turasengera imitwaro itandukanye, tukabohoza ababoshwe n’ingoyi za satani , abanyavyaha bakidegemvya.
  5. Ntiduhamagarira abantu kuza mw’Ihanga, tubatumbereza kuri Yesu Kristo kugira ngo babe inyegu yiharije.
  6. Turugaza amarembo y’ikuzimu, abarozi n’abapfumu bakabura isoko maze tugashinga ibicaniro vy’amasengesho tukanibaka n’ingoro z’Ugoraho Imana aba-Kristo basengeramwo.
  7. Dufasha aboro, abana, impfuvyi, abapfakazi, abagendana ubumuga n’abageze muzabukuru. Si ivyo gusa. Ikintu cose gihesha icubahiro kandi kigashira hejuru Umwami n’uukiza wacu Yesu Kristo kibarizwa mu bizera.
    Twese twahisemwo kwihana neza, tukitondera amabgirizwa y’Imana, tukezwa tugahinduka kugira ngo duhindure n’abandi.
    Turateye akamo umuntu wese atarihana ngo yezwe yihute yegere abarongozi bo mw’Ishengero rya Yesu Kristo- IHANGA RYERA RY IMANA, ahariho hose mu gihugu cacu c’Uburundi canke mu bindi bihugu, kugira ngo dutunganye urugendo rugana i SIYONI, murahawe kaze. Amen!