Umwami Yesu Kristo akomeza kugobotora abiwe mu vyara vya satani.

UMUNEZERO N’IMPUNDU MW’ISHENGERO RYA YESU KRISTO IHANGA RYERA RY’IMANA.

Mugihe inyigisho z’ibinyoma zabaye ndanse mu gihugu cacu, zikaba zikwiragizwa ku mbuga ngurukana majambo n’uturwi twahumye kubera kubera amarangamutima abanyegeza ukuri; Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo we akomeza kwikwegerako abiwe mu kubakiza ingoyi za satani.
Abantu benshi barumva ubutumwa bg’ukuri, bakizera, bakihana , bakabatizwa, bakezwa kandi bakukuzwa Mpwemu Yera azobarongora mu rugendo rwo kugendana n’Imana. [IVAKOZWE N’INTUMWA 2:38]
Aha mubona kw’ifoto ni beneData babatijwe kuri uyu wa 12/09/2021 mu gihugu hagati. Uko ico gikorwa kiriko kiragenda mu gihugu ni nako Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana rikibandanya mu mahanga.
Benshi barahindukirira Umwami Yesu Kristo bakavavanura n’inyigisho z’ikinyoma ca satani zivuga:

  1. Ngo Bibiliya Yera ntibaho habaho igitabo c’ivyagezwe. Bibiliya ni ijambo ry’ikirundi riva mu kigiriki [biblos] risigura igitabo. Igitabo c’ivyagezwe ni kimwe mu bitabo kiri muri Bibiliya Yera citwa GUSUBIRA MU VYAGEZWE. [Gusubira mu vyagezwe 4:2, Ivyahishuriwe Yohana 22:18-19]
  2. Ngo KRISTO ntabaho muri nka Yesu ngo kuko yaryiswe na Petero. Ni ukutamenya yuko KRISTO ari izina ry’icubahiro rya Yesu ryerekana yuko ariwe MESIYA, umucunguzi w’isi yose. Uwo abayuda bamwe ngo bakirindiriye yuko avuka. Petero yaramuhishuriwe, na wa mugore kuri rya riba yaramuhishuriwe kandi na Yesu Kristo nawe nyene yarihishuye. [ Matayo 16: 16-18, Mariko 8:27-30, Yohana 4:26]
  3. Ngo abantu ntibakwiriye kwihana ngo bezwe kugira ngo bazobone Uhoraho Imana, ngo ivyagezwe icumi bizobikora. Kuva na kera, naho Ihanga rya Isirayeli ryarongorwa n’ivyagezwe, ubgo bgoko bugimba kwumva ijwi ry’Imana basabga kwihana bakezwa mbere no gushaza bagashaza ku mubiri. Hahiriwe abamesura imvune zabo ntibagendere mu nama z’ababi. [Kuvayo 19:14, Yoshuwa 3:5, Abaroma 12:1]
  4. Ngo udusozi dutandukanye twanditse muri Bibiliya Yera ntitubaho mu bg’isirayeli turi muri Afrika nka : Zayire, mu mugamba, mu mushasha…
    Ukutamenya indimi biragatsindwa kandi ukudatembera ngo umuntu amenye imihingo y’isi biragahera kuko bituma abantu baba impfunya mu bgenge bakizera ibitokwizewe. Bibiliya Yera ni ukuri kudahinduka, ibibanza ivuga vyamyeho kandi bizokwamaho. Ijambo ry’Imana ntirinyiganyizwa. [Itanguriro 10:19]
  5. Ngo amashengero yose ava kuri satani. Mw’izina rya Yesu Kristo, umuntu akwiragiza inyigisho nk’izo mu bantu yaravumwe. Ishengero rya mbere ryari mu buryo bg’ihanga ryari itoranywa ry’Abisirayeli nk’ubgoko bg’Imana. Iryo shengero nyene niryo ryavuguruwe n’umwami Dawidi izana ivyo igicaniro kitazima c’amashimwe aho bama batazira ijoro n’umurango bakoresheje ibicurarangisho vy’ubgoko bgose. Ni nawe yazanye umugambi wo kwubakira Uhoraho urusengero abantu bakoraniramwo. Ishengero ryugururiwe bose kandi ritunganijwe kw’isi yose ryazanywe na Yesu Kristo. Uko satani hahama intumwa akarizanamwo ivyizerwa vy’igipagani ni nako Mpwemu Yera yazana ivugururwa rishasha hakaba umuvyuro n’ikanguro hagaca havuka Ishengero rishasha rihagaze ku kuri, ryuguruwe na Mpwemu w’Imana. N’uko hagiye haravuka amashengero. Gushira ibikorwa vya Mpwemu Yera kuri satani ni uguhumana. Ni ico Yesu yavuze yuko ku rutare ariryo hishurirwa yuko YESU ariwe KRISTO canke MESIYA ni yubatse ishengero ryiwe kuko yarihaye urupfunguzo rw’ijuru n’amarembo ntiyorushobora[ Matayo 16:15:20]
    Uwodondagura inyigisho z’ibinyoma zikwiragizwa n’ababuze icepfo n’ica ruguru ntiyozirangiza. Umugambi wa satani ni ugutyoza no gushaka guhindura Bibiliya Yera, Izina n’ubushobozi rya Yesu Kristo n’ibikorwa vya Mpwemu Yera. Mugabo Umwami n’umukiza wacu ahabge icubahiro kuko abiwe barumva ijwi ryiwe bakamukurikira. Dufise umunezero mwinshi n’amashimwe menshi kubo Imana ikomeza kugobotoza ukuboko kwabo kw’ikomezi mu vyara vya satani. Benshi barakira ingwara z’ubgoko bgose, bakabohoka burundu. Umwami Yesu Kristo yamamare!