Imburi: umuntu wese yihane , yezwe kugira ngo abone ubgiza bg’Imana.

IMBURI KU MUNTU WESE YUMVISE IJAMBO RY IMANA N UWAHAWE ISEZERANO
Hari vyinshi Uhoraho Imana yaduhishuriye natwe tukabishikiriza benevyo. Ibindi twabiangaje ku mbuga n’imigora y’Ihanga Ryera ry’Imana. Mu gihugu Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana ryarashinze ibicaniro n’amashengero ririgisha riraburira abantu benshi barihana, barabatizwa, barasangizwa, barigishwa barezwa kandi bararamiriza. Ivyo vyarabaye no mu bindi bihugu mu mahanga gushika naho Ishengero rya Yesu Kristo- IHANGA RYERA RY’IMANA rigasara kw’isi yose.
Hariho n’abaje ngo baje kwifatanya natwe kuko babona Ihanga ryagasaye bamwe bikurikira amaronko bazi yuko bazoca bikenura bakuzuza inda n’imifuko yabo mugabo basanga siko bimeze. Abandi bari bazi yuko bafata ibibanza vy’ivyubahiro bagahabga za ndagize bgakeye mugabo basanze icubahiro cose gihabga Yesu Kristo gusa.
Iyo mirwi yose yaciye yitandukanya natwe, bamwe baja kwigana Ihanga Ryera ry’Imana mu gukora ivyo bita ngo Ihanga ry’abatewokarate, ahandi bakaryita ngo ni Ihanga ry’abayahudi bagaca badendekeranya inyigisho z’ibinyoma ngo baronke ingene bazimiza abantu. Abantu batoye inzira zo gutwara ibirego vy’ibinyoma muri reta kugira ngo bikunde bihore barabe yuko umugambi w’Imana woburizwamwo.
Abo bose batavuze ngo umugambi w’Imana urwanya reta, ngo witwaje ibirwanisho bavuga ngo abanyeshengero basenga bari gusa. Erega satani ntamaramara. Arabesha gushika naho yibeshera ibintu bidashoboka. Nkako mw’Ishengero rya Yesu Kristo – Ihanga Ryera ry’Imana, turafise ikirwanisho ruhonyanganda. Dufise inkota y’ijambo ry’Imana ryanditse muri Bibiliya Yera. Iyo nkota ishobora gutandukanya inyama n’umusokoro. Itatinyitse. [Abaheburayo 4:12]
Mw’ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana, turafise n’ikindi kirwanisho co mwibanga kandi gihanitse. Na satani acumvise arahunga. Barabaze Goliati we yarazi yuko ari ikigatanya mugabo canugize akaraha n’abafilisitiya bose baca barata barahunga. Ico kirwanishwa si ikindi ni umuhururu. Benshi ntibakimenyereye kandi nta na hamwe mw’isoko uzogisanga bakigurira. [1Samweli 17:40]
Ico kirwanishwa twagihawe n’Imana. Ico naco gitera amabuye atanu adahusha. Ayo nayo ni ukwizera, ukwezwa, ugusenge, ugutazira n’uguhishurirwa na Mpwemu Yera. Ico kirwanisho tugikoresha iminsi yose yo kubaho kwacu. Hari n’ibindi birwanishwa vyo mw’ibanga dukoresha ku buryo ata munyabinyoma, indyadya, abasuma n’abahemu bashobora kutwinyegezamwo ngo bamare kabiri kuko Uhoraho Imana yacu atubereye maso. Abo bose bihemutse bakiha kurwanya ABERA bihanye barashobora kwakirwa bakagaruka kuko Yesu Kristo ari umunyakigongwe, hamwe hazoba hatararengerana.
Ku ba nye Hanga Ryera bose aho bari muribukijwe ibi bikurikira:

  1. Ihanga rya Isirayeli ryaridodombeye mu bugararwa rihonerayo, namwe Hanga mwirinde kwidoga ngo Uhoraho yatebeje Isezerano. Araje ntatevye
  2. Umunyenkomezi Samusoni yameneye ibanga abakeba bimuviramwo urupfu, nawe wirinde kubgira intahe z’Ihanga abishushanya; Uhoraho ntakurandure. Umenye ibanga nawe rizomumena. Ibimenabanga bireke bive mu masezerano kuko si ayabo.
  3. Haraje igihuhusi c’umuyaga umwe wese n’ahagarare ashikamye. Satani ariko aragerageza kwitanganiza yigana umugambi w’Imana. Isesa ry’abadayimoni muyitsindisha izina rya Yesu Kristo. Inkubi y’umuyaga w’Imana nta n’umwe azosigara ahagaze kiretse uwatoranijwe, uwadomweko ikimenyetso kuko yizeye ico Uhoraho yavuze. Mwihane mwezwe mwirabire agahinda.
    Ngayo amabanga ari mu mburu atahurwa na beneyo gusa. Abandi bayita ubusazi canke bagakuramwo ibirego. Aho na satani yorugofera ariko turi mu kiganza c’Uhoraho ntawohadushikura. [Yohana 10:27-28]
    N’uko rero umuntu wese atere umugongo ibisamaza maze yizera, yihane yezwe ahagarare mu kugororoka arindiriye ukugira neza kw’Imana.