Utatura Yesu Kristo akorera uwundi mugabo mu kinyegero kuko inzira ari zibiri gusa.

WIRINDE KUJANA NYABAHURU MUVYEEKEYE UKWIZERA KUGIRA NGO NTUZE WICIZE ICATUMYE URWANYA IMANA N’ABANTU. Intumwa Pawulo yari umuyuda w’umufarisayo w’umunyabgenge w’ivyanditswe, yarubaha, akitondera kandi akubahisha ivyagezwe vy’Imana. Mukwizera kwiwe yakorana ubgira n’inkomezi ziwe zose agahama abatitondera Ivyagezwe 10 vy’Imana. Kubera ishaka ryinshi yarafitiye umurimo w’Imana, yarasaba impusha abaganza kugira ngo aje guhiga abakurikiye umugabo yitwa Yesu […]