Umwami Dawidi atambira Uhoraho atanezwe ico abantu bamwiyumvirako.

UKORERE UHORAHO IMANA UTITAYEHO IVYO ABANTU BAVUGA. Hariho ikintu cama kijana abantu benshi mu caha batabizi. Ukwiyorobeka mu gukorera Imana ni ingendo bamwe bita urupfasoni abandi bakayita kugira ubgenge ntibamenye yuko kwiyorobeka mu gukorera Imana vyugurura umuryango w’ibinyoma mu buzima no mu mirimo y’Imana.Uwiyorobeka usanga ari ntahomfatwa, usanga atambikije ari nzovomera zose ntawuzi uruzokwama kare. […]