Harageze yuko umuntu wese yihana akezwa kugira ngo yibonere ukugira neza kw’Uhoraho Imana.

WIHANE WEZWE KUKO TUGEZE KU KIRENGAZUBA

Hari inyigisho zitandukanye irya n’ino mu mashengero, mu vyumba vy’amasengesho no ku mbuga ngurukanamajambo. Izo nyigisho zimwe ziravuguruzanya zigatuma abizera bajuragirika, izindi ziruzuzanya bose bakamenya yuko bari mu rugendo rumwe bigatuma hari abaramiriza mu rugendo.
Abitwa ngo ni abigisha b’ijambo ry’Imana muzobona baguma batyoza aba na bariya muzobatere umugongo kuko abo ni ibikoresho satani yahagurukije vyo gusambagura kugira ngo bubakire kubindi binyoma. Turazi yuko amadini n’amashengero yari kuzimurura abantu amwe yarabajimije, ayandi abikoreza imitwaro ibaruhisha kubera inyungu z’abayaganza. Hariho n’inyigisho zagiye zirakwiragizwa zitari muri Bibiliya. Niho dukwiriye kwigisha ukuri mu bugwaneza tudashize inguvu mukwamamaza ikibi mugabo mu guhishura ubuntu, imbabazi n’ukubona ijuru bibonerwa muri Kristo Yesu.
Akarorero Bibiliya iratubgira ivyerekeye ca kimenyetso 666 ca anti/Kristo. Ni vyiza kukimenya no kumenya inzira kizozananamwo ariko ivyo sivyo vyodutesha umwanya, sivyo twojana nk’ubutumwa umu mahanga. Nico kimwe n’izindi nyigisho zihushanye. Ni vyiza kumenya aho ama leta yananiriwe kandi ni vyiza kumenya aho amadini n’amashengero yatereye ukuri kugira ngo abana b’Imana ntibajane iyo nzira, mugabo iyo siyo ntumbero nyamukuru y’abakozi b’Imana bahamagawe.
Intumbero nyamukuru y’Ishengero rya Yesu Kristo mw’isi ni ugutunganya umugeni ku buryo akiri mw’isi abaho neza kandi igihe azotahira azoshikire mu buruhuko budashira imbere y’Uhoraho Imana.
Intumbero y’ukuri ni ugushikana ababoshwe ku kwifegemvya, ugushikana abanyavyaha ku gakiza. Kubamenyesha inzira ishikana mu buzima budashira. Umukozi w’Imana wese yomenya ivyo aba ari uwahamagawe kandi akazoshikiriza iminyago Yesu Kristo.
Nta bundi butumwa munsi y’ijuru, ntayindi nzira yabayeho, iriho canke izobaho ishika atari Yesu Kristo. Ibindi vyose abantu bahumba biba bifise izindi ntumbero naho boba bishimikiza imirongo yo muri Bibiliya.
Ubu tugeze mu bihe vyo gushitswa kw’isezerano. Amarara ni menshi muri bamwe, hariho abibaza yuko bashobora kwiba umugisha w’abandi nk’igihe ca Yakobo na Esawu, ariko ivyo ntibikunda. Umugisha ufise abo wagenewe. Abo n’abo si abandi ni abihanye neza bakezwa. Nico gituma duhamagarira umuntu wese agomba kubona ubgiza bg’Imana kwihana no kwezwa kuko iki gihe ni amahirwe twese twongewe. Abihanye kandi behejwe ni tugume ku bicaniro dusenga urudaca.
Umwami n’Umukiza Yesu Kristo yamamare!