Itangazo: Amarembo y’ikuzimu yavyuye ingunza ngo aburizemwo amasezerano mugabo Kristo Yesu yaranesheje.

ITANGAZO ITANGAZO KU BANYAMASEZERANO BOSE!

Hariho intambara nyinshi cane zimwe tumenya n’izindi tutamenya Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo aturwanira kandi akazinesha. Iyo tugenda mwibarabara, dutambuka n’amaguru canke turi kw’ikinga, ipikipiki, turi mu modoka eka niyo turi mw’igari yo kundarayi, mu bgato canke mu ndege hariho impanuka nyinshi adukingira mugihe wa murwanizi wewe aba agomba guteza impanuka kuko murazi yuko amasanganya ahitana abantu benshi. Hari n’impfu nyinshi adukingira turyamye satani wewe yagomba kuduheza mw’itiro. Iyo hari imyuzure, ibihomoka, imiriro, indwara z’ivyaduka aho n’ibindi bindi.
Uwo mugabo Yesu Kristo, abantu bose barakwiriye ku mushima akanya kose. Turakwiriye twese kwama dukura ubgatsi. Yarapfuye arazuka azukana intsinzi kandi atumenyesha yuko ukumumenya yuko ariwe KRISTO biduha ubushobozi kuri rupfu na kuzimu. Some Matayo 16:16-19.
Umurundi aho ari hose afate igitabo c’indirimbo zo guhimbaza Uhoraho Imana azingurure kuri no 281 asome neza irya ndirimbo maze aheze yuzange kuri ayo majambo ari mu kiyago Yesu Kristo yagiraniye na Petero.
Itangazo twahishuriwe n’ijuru n’uko satani n’abadayimoni bahagurukiye abanyamasezerano n’amasezerano bahawe ngo bayaburizemwo. Yesu Kristo nawe yahagurutse mu nkomezi nyinshi kugira ngo adushitseko ivyo twasezeraniwe kandi vuba cane.
Ico umwe wese asaba ni ukwima amatwi abagenzwa no gusamaza ABAKRISTO baba cokora canke bababgira yuko hari izindi nzira z’urukiza. Uhejeje gutera umugongo ivyo, utarihana wihane maze wezwe. Igikurikira ni ugusenga usengera amasezerano y’igihugu cacu c’Uburundi ngo ubugombe bg’Imana bube, usengera amasezerano yawe, usengera n’uburinzi. Ayo masengesho uyakora ushima kandi wivuye inyuma yuko Uhoraho Imana ubgiwe ariko araturwanira intambara kandi anesha satani muvyo ariko aragomba kuzibira amasezerano twahawe. Umurengezi wacu aramaze gutsirura ivyari bitsiritse kandi yahejeje gucacura ipfundo ikuzimu bari barapfunditse. Niko Mpwemu Yera ahishuye, Haleluya.
Umwami n’umukiza Yesu Kristo yamamare!