Muragabe hari inyigisho z’ibisamaza naho zishimikizainiringo ya Bibiliya

ABIZEYE YESU KRISTO BATEGEREZWA KWAMA BAGAVYE MU MPWEMU NO MUBGENGE BEJEJWE.

Umuntu wese akivuka, igihugu aba avukiyemwo cose n’umuryango uba umwibarutse uwariwo wose, avukana ubgiza bg’Imana.
Uko akura niko ahura n’abantu beza canke babi bakamuhindura abandi nabo bakamuhindukiza. Iyo amaze gukura aba afise uburenganzira bgo kwihitiramwo inzira afata yoba nziza canke mbi. Aha niho hahagaze uburenganzira bg’umuntu uwariwe wese kwihitiramwo gukizwa canke kuba nk’inyamaswa. Iyo wahisemwo gukizwa uba uhisemwo kuba mu ntambara urwana na satani, umuryango wawe, incuti n’abagenzi, amaleta canke n’abandi bantu batanakuzi.
Mu nzira yo gukurikira Imana harimwo n’intambara zikwikurikiza canke nawe wikwegera kandi zitari n’intambara canke ikibazo. Ariko rero zarinze zikwinjirana ni ukumenya yuko zishobora kuguhitana canke zikaguhitaniza. Akarorero usanga hari ibikoresho vy’impwemu zitaramenyekana bimara imyaka n’imyaka birwanira kwemeza abantu yuko:

  1. Ari ab’isirayeli birabura yuko abisirayeli b’abazungu ari ivyomekerano. Waba uri umwisirayeli n’umuyuda yirabura canke w’umuzungu, ivyo bifasha iki umuntu ari mu rugendo ruja mw’ijuru! Bimariye iki umuntu ari mu ntambara arwana na satani agomba ku gororokera Uhoraho Imana! Mw’ijuru hazojayo abantu bavuye mu mahanga yose, indimi zose, …Kandi Uhoraho Imana yacu si inzungu canke inyirabura. Reke abata umwanya mu bitagira umumaro wese wirinde ntibaguteshe umwanya [Ivyahishuriwe Yohana 7:9]
  2. Yuko Yesu ari umucunguzi mugabo atari KRISTO. Waba wamwita Umucunguzi, ukamwita umukiza, ukamwita Uhoraho, ukanamwita Alpha na Oméga, uba uza wamaze kumwita MESIYA ari naryo risigura KRISTO. Wiruhiriza iki ukanaruhisha abandi muzunguruka mu bugaragwa butagiramwo amazi n’infungurwa muca mu mwiza w’umuzimiza usize iruhande umuco w’isi, amazi y’ubugingo n’umukate w’ubuzima ariwe KRISTO YESU! [ Yohana 14:6, 6:35, 4:10, 8:12]
  3. Yuko abantu bose bosohoka mu madini n’amashengero ngo kuko akorera satani, atahinduye amahanga. Niba Uhoraho Imana avuze yuko aje kwihurira n’amadini n’amashengero, ntibisigura yuko ufise uburenganzira bgo guca utanga Imana ngo uyasenyure kuko ntanivyo woshobora. Akazi kawe ni ugutanga imburi ukabamenyesha kandi ukabasengera ngo bumve imburi y’Uhoraho. Muri iy’isi baharura amadini yemera Yesu (dénominations) arenga 45.000 uhereye kuri Pentecôte, Presbytère, Luthérien, Baptist, Méthodiste… Uzi ibihumbi n’ibihumbagiza ayo mashengero yigishije ukugororoka akabashikana ku gakiza ! Azi ama milliyoni y’abantu abapfuye n’abakiriho bamaze kurya ku munezero w’ubgami bg’Imana kubera inyugisho baherewe mu mashengero! Ubu bamwe barindiriye izuka, abandi barindiriye ukugaruka kwa Yesu Kristo kubera abakozi b’Imana batandukanye bakoreye muri ayo mashengero bagaskina benshi ku gakiza! Isi yose ntishobora kugirwa n’abasohoke gusa. Uzi abantu bishwe n’ingwara za malariya, amacinya, ibituntu … kubera inyigisho z’ubusohoke bavuga ngo kirazira kwivuza, kuja kwa mu ganga kuko imiti ihumanye kandi ubutegetsi budaturuka ku Mana ! I miliyoni 12 z’Abarundi babaye abasohoke bose ntibasubire kuja mu nsengero ngo bigishwe ijambo ry’Imana, naho abakozi benshi basigaye babigize urudandazwa bagahumanya ahera h’Imana, vyogenda gute ? Ego Imana yagutumye gusohoka mw’idini bikore ni vyiza mugabo wibuke yuko ishengero ari umurezi n’ihuriro ry’abizera. Ni ubuzima butegerezwa kubaho. Uhoraho araje kuzimanganya amadini n’amashengero yose hasigare Ishengero rimwe gusa rya Yesu Kristo. Igusohora mu kintu cakozwe n’abantu ikakwinjiza mu mugambi wayo, ntikurekera mu kangaratete. Uzi abantu benshi basohotse amadini n’amashengero bagaca bagwa ! Ivyo si inyigisho z’umugararizo z’umuntu zobikora, si ubuvugishwa canke kwigisha kunzu kunzu vyosenyura amadini n’amashengero. Nkuko Imana ibigambiriye, ni ubushobozi bg’intwaro y’Imana bgo nyene bugiye kubikora. Amen ! Ijambo ry’Imana riratubgira umunyedini w’ukuri [Yakobo 1 :26-27]
    Muri ibi bihe hari benshi bigira abavugishwa, abandi bakigira abatoranijwe hari inyigisho nyinshi zerekana yuko hari umuvyuro n’ikanguro biriko biratutumba. Mugabo na satani aca avyivangamwo kugira ngo ayovye abantu, bajuragirike, bate umwanya mbere bamwe babihebe kuko batazi ukuri. Mugenzi shikama ushire amanga. Ugendane ubgenge muri vyose kandi umenya yuko na satani azi Bibiliya kandi aravuga n’imirongo yayo. Mugabo icamunaniye n’ukwihana, ukwezwa n’ukwatura yuko Kristo ari Uhoraho. Usengere mu Mpwemu kandi usengere no mu bgenge bgawe usiguza Uhoraho Imana ntupfe kujana nyabahururu.
    Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yamamare!