

Uhoraho Imana yacu n’ashimwe ibihe vyose kuko yadutoranirije gukwiza ishimwe ryiwe. Twafashwe mpiri muri Kristo kugira ngo twamamaze ubutamirane bgo kumumenya no ku kumwamamaza kw’isi yose. Iryo banga rimenywa na beneryo gusa. [ 2Abikorinto 2:14]
Sawuli mu kigiriki ariwe Pawulo mugiheburayo yarafise ishaka rihambaye ryo rwamamaza, gukingira no kwubahiriza ivyagezwe 10 vy’Uhoraho Imana. Ariko aho amenyeye yuko Kristo ari Uhoraho, yaratahuye ikiruta ikindi ati:” Nabambanywe na Kristo, si jewe nkiriho mugabo Kristo muri jewe” [Abaroma 2:20]
Mugenzi, usanga hari ikindi kintu ushira imbere ya KRISTO warazimiye, nta buzima ufise kandi iherezo ryawe ni ribi cane. Ntusamazwe n’abinyegeza muvyo Imana bakiyita aba-Kristo kandi ari amabingira. Satani yigira umumalayika w’umuco kugira ngo asuke abantu. Ntusamazwe kandi n’abigira abanyabgenge bivyanditswe bagusamaza mu tujambo tumeze nk’imigani y’abakecuru.
Tumbera Kristo Yesu wenyene kuko niwe gisubizo cawe. Niwe buzima bgawe. Niwe wenyene nzira, ukuri n’ubugingo. [ Matayo 16:24-26, Yohana 14:6]
Tugira tujabuke uruzi rurimwo ibikoko vy’inkazi ( Ingona, imvubu, inzoka, …) Utihanye ivyaha vyawe, ngo wikorere umusaraba wawe, ngo wiyanke ukurikire Kristo Yesu ntibishoboka yuko wambuka ngo ushike hakurya.