

WIRINDE KUJANA NYABAHURU MUVYEEKEYE UKWIZERA KUGIRA NGO NTUZE WICIZE ICATUMYE URWANYA IMANA N’ABANTU.
Intumwa Pawulo yari umuyuda w’umufarisayo w’umunyabgenge w’ivyanditswe, yarubaha, akitondera kandi akubahisha ivyagezwe vy’Imana. Mukwizera kwiwe yakorana ubgira n’inkomezi ziwe zose agahama abatitondera Ivyagezwe 10 vy’Imana. Kubera ishaka ryinshi yarafitiye umurimo w’Imana, yarasaba impusha abaganza kugira ngo aje guhiga abakurikiye umugabo yitwa Yesu Kristo. Yarafise ipfuhe ryo kurwanira ivyagezwe vy’Uhoraho Imana gushika naho aja kurondera kwica abizera yuko hariho umuntu yitwa Kristo Yesu yaje gushitsa ivyagezwe. Abo ba- Kristo bagira bati Yesu niwe Mesiya risigura Kristo vyamurya mu matwi bigatuma aja kubahiga.
Umunsi urizina ari mu nzira aja i Damasiko muri Siriya guhiga abizera ukuri kubera wewe yabita yuko aribo bazimiye, niho yahora n’uyo mugabo Kristo amubaza igituma ariko arahama Ishengero ryiwe. Kuva ico gihe ubgenge bgiwe, umutima wiwe n’ukwizera kwiwe vyarahndutse. [Ivyakozwen’intumwa 9] yaragiriwe ubuntu, yaragiriwe imbabazi ahabga kumenya Umwami n’umukiza Yesu Kristo. Nsengera umuntu wese atararonka ako gakiza gatangwa kuri gusa kukaira.
Inyuma yaho amenyeye ukuri akava inyuma y’inyuguti maze akaronswa Mpwemu w’ubugingo, ivyamubera inyungu kera vyahindutse ubuhombe[ Abifilipi 3:7]
Yarakubiswe, arapfungwa mbere ahakwa kwicwa incuro nyinshi azira uwo Yesu Kristo. Niwe yahavuye yandika igice kitari gito ca Bibiliya Yera.
Igihe kimwe ari mw’ibohero mu mpatane z’ibiti n’iminyororo, ntiyidogeye abaganza canke ngo ahamagarire abandi bapfungwa kwibukanya ico ivyagezwe bivuga. Barazi yuko ivyo ataco vyari kubamarira. Mu gicugu hagati bararirimvye batabaza izina rya Yesu Kristo maze haza igihuhuta kivuye mw’ijuru kinyiganyiza amatanguriro y’ibohero, impatane ziratana , iminyororo iradohoka n’ibihindizo birakoroka. Amen. [Ivyakozwenintumwa 16:25-34]
Muri Kristo Yesu niho hari inkomezi zihindura abantu n’ibintu. Hari ububasha bgatuzaniye agakiza no gucungurwa. Woba ukiri Sawuli wa kera yahagarara ku vyagezwe agahama Kristo Yesu n’abamwizera? Canke woba utaramenya ibanga riri mu kwizera, ukwezwa no gutunganywa gose? Woba ukiri mu buyuda n’ubugiriki, ubunyamahanga n’ayandi macakubiri canke warashitse ku musaraba?
Ni muze mwese Kuri Kristo Yesu atugeze ku kugororoka kwose. Muriwe hari ububasha butumwa ywitondera ivyagezwe vyose vy’Uhoraho. Niwe wenyene akwiriye kwamamaza. Kuko niwe wenyene nzira n’ukuri n’ubugingo. Uwafashe iyindi nzira akorera uwundi mwami mu kinyegero no mu buryo bunyegeje cane. Amamaza Yesu Kristo wenyene!