Irinde gukurikiza inyigisho z’uyu mwagushi zihamagarira abantu gucamwo / uwicisha inkota azosogotwa n’iyindi.
NTIHAGIRE UMUNTU MUZIMA AZIMIZWA N’INTUMVA YITWA MUHIMPUNDU LAMBERT AHAMAGARIRA ABARUNDI GUCANAMWO . Bumvise twitwa Ihanga Ryera ry’Imana baca baratwikurikiza bibagoye baca biyita ngo Ihanga ry’abatewokarate, hanyuma ngo Ihanga ry’abanyavyagezwe none ubu naho biyita ngo Ihanga ry’abatuda bukuri. Ako kagwi gahagarariwe n’umuzamyi yitwa Muhimpundu Lambert yitaziriye Muyihimpundu Yosuwa. Uwo ariko arasuka ibintazi mu kaga yifata amajwi […]