Umwami Dawidi atambira Uhoraho atanezwe ico abantu bamwiyumvirako.

UKORERE UHORAHO IMANA UTITAYEHO IVYO ABANTU BAVUGA.

Hariho ikintu cama kijana abantu benshi mu caha batabizi. Ukwiyorobeka mu gukorera Imana ni ingendo bamwe bita urupfasoni abandi bakayita kugira ubgenge ntibamenye yuko kwiyorobeka mu gukorera Imana vyugurura umuryango w’ibinyoma mu buzima no mu mirimo y’Imana.
Uwiyorobeka usanga ari ntahomfatwa, usanga atambikije ari nzovomera zose ntawuzi uruzokwama kare. Mu ncamake aba akorera mu mwiza, atwarwa n’ibije vyose kuko nta sezerano aba afise ahagararako. Aba ahagaze kuvyo abantu bamubgira, aba ahagaze ku ngene abantu bamufata maze akama yibanga ico bamwiyumvirako.
Mu gukorera Imana dukwiriye gutumbera Yesu Kristo wenyene , tugahagarara kw’ijambo ryiwe n’ico yatuvuzeko. Umwami Dawidi yaratweretse akarorero mu gukunda no gutazira Uhoraho Imana. Mbere aho yatahukana isandugu y’Uhoraho yararirimvye aratamba ashima Imana n’umutamana w’inyambarabami uramijuka mugabo aguma atamba gushika isandugu y’Uhoraho ishitse mu kibanza yatiteguriye. [2 Samueli 6:12-22]
Natwe turafise ibimenyetso birenga bitanu yuko twatoranijwe n’Uhoraho Imana kandi yuko agiye gushitsa rya SEZERANO vuba cane. Tumaze kwihana tukezwa, dushimire Uhoraho, tumuvugirize impundu maze dutambe dutarike n’inyerere za hano mw’isi zishaka zimijuke kuko abaganwa n’abagabo barazizana aho zagenewe.
Umwami Yesu Kristo yamamare!