

UMUBATIZO W’ISHENGERO RYA YESU KRISTO IHANGA RYERA RY’IMANA MU GISAGARA CA BUJUMBURA. 11/08/2021
Nimba hariko ikintu satani yanka urunuka ni umu nyavyaha aheba ingeso ziwe mbi akihana, agakizwa, akabatizwa, akezwa maze akuzuzwa Mpwemu Yera. Satani rirayinga , agahekenya imisaya kandi agakibita urutoke kuko yama arondera benshi yisasira kuko azi yuko agiye kurimbika.
Mw’ijuru iyo umunyavyaha umwe gusa yihanye akareka inzira ziwe mbi, abamarayika bavuza impundu, umunezero ukaba mwinshi. [Luka 15:10]
Natwe abahamagawe n’Uhoraho Imana, tunezeranwa n’abo mw’ijuru umunezero. Kandi tuzokomeza gusemerera, kuvuga ubutumwa, gushikiriza Imburi n’ubuhanuzi, guhimbaza Imana no kujana ubutumwa bgiza bg’agakiza kabonerwa muri Yesu Kristo mu mahanga yose.
Abizera bose tuzobabatiza nk’uko Umwami n’Umukiza wacu yabidutegetse. [Matayo 28:16-20]