Yesu Kristo ashobora kukwokora akagutabara umuhamagaye mu bugingo bgawe nk’umwami n’umukiza.

Muri iy’isi dutuyeko na cane cane mu gihugu cacu hariho abantu benshi bagendana ibikomere mu mitima yabo kubera amagume n’amagorwa Abarundi twaciyemwo. Abantu benshi hirya no hino mu barundi n’abanyamahanga, babayeho mumuriro ugurumana. Bamwe baricuza igituma bavutse bagashika naho bipfuza gupfa. Ni naco gituma tubona hari abiyahura abandi bakisuka mu ntambara zishobora kubatwara ubuzima. Abandi kugira ngo bagerageze kugabanya umubabaro wo mu mitima banywa ibiyovyabgenge, ibiboreza, ubusambanyi n’ibindi bibaza yuko vyobaha umunezero mugabo umuriro umaze kwaka ugatongora nta mahoro ashobora kuboneka utazimye.
Abizera benshi biruka irya n’ino mu vyumba vy’amasengesho no mu bakozi b’Imana kurondera ico bahembura mugabo kenshi kukaba ugupfupfahaza kuko bibabera ivyo akanya gato.
Icatsa umuriro kandi kikawenyegeza kiri kiba kiri mu muntu nyene. Kenshi usanga ari ubgibone bgiwe, ukwishira hejuru, ibinyoma n’ububeshi, ishavu n’urwanko, ishavu n’inzigo, ivyaha n’ivyago.
Ivyo vyose nta muntu n’umwe ashobora kubigukiza, nta cagezwe canke umuganga ashibora ku bikuvura ngo agukure muri uwo muriro. Abantu benshi bagenda barayinga, ingo nyinshi ziri mu maganya n’amagorwa kubera uwo muriro.
Umuti uri muri Yesu Kristo we nyene. Niwe wenyene ashobora kuwuzimya kandi akakwora. Yesu Kristo niwe wenyene ashobora guhindura umuntu akamugira icaremwe gishasha, ivyaremera umuntu bigatumuka nk’umuyaga. [Yesaya 61:1]
Hamagarira abantu bose abarushe n’abaremerewe kwizera uwo mukiza kugira ngo abaruhure. [ Luka 4: 18, 2 Abikorinto 5:17]