Aba-Kristo bose barakwiriye guhagukuruka bagahagararira ukuri.

UBUDASA HAGATI Y’ISHENGERO N’ISENGERO- UMUTIMA W’UMUNTU NIWE RUSENGERO RWA MBERE.Hariho abantu bitiranya ishengero n’isengero. Mbere iyo babonye isengero baca bibaza yuko hariho Ishengero. N’uyu munsi kandi hariho abantu, iyo batabonye inyubako bibaza yuko ata shengero rihari. Ukwo ni ukwihenda cane kuko hariho n’amasengero menshi atagira ishengero. Isengero riratandukanye n’ishengero kuko hariho inyubako zitwa isengero baja […]