Abakozi b’Imana bo mw’Ihanga Ryera bariko baranyuragira intara zose. Umubatizo mu ntara ya Bujumbura.

Umwami Yesu Kristo yamamare Hanga Ryera ry’Imana namwe mwese ncuti z’umusaraba. Mugihe satani n’abambari biwe yataye umutwe akaba ariko aradedemba ayamuhe, Ingabo za Yesu Kristo bakora batiziganya kugira ngo bashikane benshi ku kugororoka bariko baranyuragira intara zose z’igihugu caco no mu mahanga bavuga ubutumwa bgiza bubohora kandi babatiza abizera bose ku bginshi. Barongerako bagatunganya n’ingaburo […]