Mwezwe, mwitunganye kandi mugire ukwizera kuko mugiye kubona inkomezi z’Imana.
WIBAZA IKI KU GIHUGU C’ISEZERANO ABIZERA BOSE BARINDIRIYE? Umuntu adafise ico Uhoraho Imana yamuhishuriye yumvise “igihugu c’isezerano” yiyumvira yuko ari ukuja mw’ijuru, kandi ntaho aba ataye.Uwumvise amasezerano Imana yahaye Ihanga ry’Abarundi nawe y’umvise “Igihugu c’isezerano” aca abona Igihugu c’Uburundi nk’uko cavugishijwe n’abahanuzi batandukanye, aho kizokwitwa igihugu c’amata n’ubuki nk’uko Imana yise KANANI yo mw’isi. Ico […]