INGENDO ZO GUKOMEZA NO KUBATIZA Z’ABAKOZI B’IHANGA RYERA RY’IMANA: MWITEGURE MWIHANE MWEZWE MUBATIZWE KANDI MWUZUZWE MPWEMU YERA.

INGENDO ZO GUKOMEZA NO KUBATIZA Z’ABAKOZI B’IHANGA RYERA RY’IMANA: MWITEGURE MWIHANE MWEZWE MUBATIZWE KANDI MWUZUZWE MPWEMU YERA.

Bakunzi b’umusaraba wa Yesu Kristo, aho muri hose mu ntara zose z’igihugu cacu c’Uburundi, mwitegurire kwatwakira, abafise utubazo kubaza ibibazo vyose mwibaza, abatarabatizwa babatizwe, no gutegura ingaburo Yera ya pasika muyitegurane ku buryo buhuye n’ijambo ry’Imana kuko abakozi b’ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana bariko baranyuragira mu gihugu cose no mu mahanga kugira ngo mukomezwe.

Mu gihe hari intumwa za satani zihagurukije zikiyitirira ihanga Ryera ry’Imana kugira ngo ziyovye abantu, hariho n’abandi babanje kwigira intama kandi ari amabingira maze bigira abakozi b’Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana ubu bakaba barigaragaje bagenda barakwiza ubuvugishwa bg’ibinyoma, bigisha abantu umugararizo; ariko ntimugire ubgoba kuko bagiye guhura n’uburake bg’Uhoraho Imana.

Muntu wakiriye agakiza aho uri hose, ntaco bitwaye idini winjiriramwo, ntaco bitwaye Ishengero canke umurwi usengeramwo, ico uri cose urakeneye kuganira n’abakozi b’Ishengero rya Yesu Kristo IHANGA RYERA RY IMANA kuko riri hejuru y’amadini n’amashengero n’imirwi y’abantu hano kw’isi kuko ni umuryango w’ ABATORANIJWE n’Imana bagahabga ISEZERANO ryo gutwara umuvyuro n’ikanguro mw’isi imbere y’uko Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo agaruka ku mugaragaro.

Mugihe rero abasenzi n’abinginzi b’IHANGA RYERA RY’IMANA bamwe bari mu vyumba vy’amasengesho, abandi ku misozi kwinginga Imana no gusengera abari mu ngendo zo kugorora, guhumuriza, gukomeza no gutera intege; abandi bari gusemerera hirya no hino mu gihugu no mu mahanga kugira ngo mwitegurire PASIKA y’ukuri atariyo imigenzo, ikimenyetso co kuvayo kugira ngo twinjire mu gihugu c’isezerano, Amen!

Pasika yatanguye igihe FARAWO umwami wo muri EGIPUTA yagira ubgoba yuko ihanga rya isirayeli ryari mu buretwa muri ico gihugu rizohava rirwirirana rigasumba abanyegiputa. Aho rero abo bayuda nabo bari bamaze kubarirwa n’Uhoraho yuko batanga imyagazi y’intama ko ikimazi maze bagasiga amarayo yayo ku bishimaryango canke ibizingiti kugirango kibe ikimenyetso yuko umumarayika yaje gutikiza ARENGANA iyo nzu. [Kuvayo 11:4-6]

Ijambo pasika rero riva ku GUSIMBA canke KURENGANA kubgo uburinzi kwahavuye gukurikirwa no KUVA mu buretwa. Mu kirangaminsi gikurikiza inforo y’ukwezi, Abayuda bakoresha iminsi mikuru ya Pasika (PESACK canke PESAKH) yatangura ku munsi ugira 15 w’ukwezi bita NISAN ikarangira kuwa 22. Aho niho bibuka ingene umumarayika w’Uhoraho yabakingiye urupfu rw’ivago akongera akabakura mu vyara vya Farawo muri Egiputa. Mu kirangaminsi c’ubatswe na Geregori ari naco benshi bagenderako uyu munsi ukwezi kwa Nisan arikwo kwezi kwa mbere mu kirangaminsi c’abayuda nkuko vyanditswe muri TORAH, guhura n’ukwezi kwa NTWARANTE – NDAMUKIZA uyu munsi mugabo amatariki akagenda arahinduka bivanye nuko ukwezi kw’ijuru kuboneka kwuzuye kandi iryo hinduka ryaravuye no ku nama ya NICEYA yo mu mwaka wa 325 ikaba yarajaganije ibintu igashinga umunsi wayo wa Pasika. [Abalewi 23:5-8]

Ushobora kuba wibaza utubazo tumwe tumwe. Urashobora kuba uraronkera inyishu ngaha nyene mukurindira yuko ubonana n’abakozi b’Imana. Mw’Ihanga Ryera ry’Imana:

1. Turiyeza tukitunganya tukabatizwa maze tukuzuzwa Mpwemu Yera kugira ngo tuje gukorera Imana.

2. Turiga ijambo ry’Imana ryo Muri Bibiliya yose, tugasaba guhishurirwa na Mpwemu Yera aturongora kugira ngo nti tugendere ku bgenge bg’abantu.

3. Turiga kwumvira ijwi ry’Imana, kuyisiguza ikatwibira amabanga kandi tugasigura inzozi, inyereko n’ubuvugishwa.

4. Mu kwigisha ijambo ry’Imana ntitwigisha ubutumwa bg’idini canke Ishengero kanaka twigisha ukuri kwose. Tukarihera mu nzu iwacu, tukaritwara mu babanyi no mubari kure mu mashengero, mu bikorane, n’ahandi hose hashobora gushikana ubutumwa kubari kure.

5. Mu kwagura ubgami bg’Imana, nti duhera ku kwubaka amasengero n’amazu no kugura ibicurarangisho kugira ngo dukwege abantu. Ivyo bisa no guturira ibihunda. Dutangurira kwubaka imitima, tukubaka ibicaniro mu ngo, mu mihana maze abizera buzuye ubushobozi bga Mpwemu w’Imana bakabona kuja mu nyubako bagakoresha n’ibicurarangisho vyo gutazira Imana.

6. Mu bikorwa vy’Imana ntidukurikiza inyigisho z’uruvange, dukora nkuko intumwa za Yesu Kristo zabigenza mu makoraniro, mu kubatiza, mw’isangira ryera, mu gushingira, n’iyindi migirwa yose y’aba-Kristo yose bazi ico ijambo ry’Uhoraho Imana ritubarira.

7. Turi Ihanga riyoborwa n’Imana, turi ishengero rya Yesu Kristo ritaja mu mpfubyapfunyo canke ngo rigendere ku mabgirizwa y’abantu ngo barihindukize uko bagomba nkuko biri mu madini n’amashengero usanga benshi bafise akarenge muri politike, imigambge, amoko n’ibindi.

8. Ntiduhimiriza abantu gutanga ibigiracumi n’amashikanwa, gutanga ibi na biriya. Ivyo vyahinduye amashengero urudandazwa. Umuntu wese atanga uko umutima wiwe ugambiriye kandi ico atangana umunezero nkuko Bibiliya ibitomora neza. [2Abikorinto 9:6-8]

9. Inzego z’abayobozi b’Ihanga Ryera ry’Imana ziri nkuko Uhoraho Imana yazishinze, Mpwemu w’Imana niwe ayobora, akagena amabango bivanye n’ingabire yahaye umwe wese. Abita muvyo batagezwe barashobora kubaho mugabo Uhoraho Imana aratinda akabereka ikibanza cabo.

10. Ishengero rya Yesu Kristo IHANGA RYERA RY’IMANA riri mu gihugu cose c’Uburundi, mu bindi bihugu muri Afrika, Asiya, Uburaya, Canada na Amerika. Ni rimwe kandi rizokwa uko IHANGA RYERA RY’IMANA rihuriyemwo abatoranijwe bavuye mu madini yose, amashengero yose, amoko yose n’imihingo yose y’isi nk’uko bizoba Yohana yavyeretswe bimeze mw’ijuru [Ivyahishuriwe Yohana 7:9] ni rya shengero Yesu Kristo azoza gutora rihamagarira umuntu wese aho ari hose ahamagarirwa kwitegura: ukwihana icaha n’akaha, ukwitunganya akezwa, uwutarabatizwa akabatizwa mw’izina rya Yesu Kristo, uwutaruzuzwa Mpwemu Yera akuzuzwa akavuga mu ndimi, tukiga ijambo ry’Imana rynditse muri Bibiliya Yera maze tukaja guhindura abaremwe bose intumwa za Yesu Kristo [Matayo 28:16-20]