Ikibi sico kibi, ikibi ni ukutamenya ingene ucifatamwo.

Mu buzima ntuzokwama uronka ivyiza gusa. N’ibibi bizokwikurikiza. Ibibi burya bitaguhitanye biraguhitaniza inyigisho, kurinda, kwihangana n’inkomezi zo kunesha ikibi. Kandi guhura n’ikibi sivyo bibi, ikibi n’ukutamenya ingene ucifatamwo. Abantu benshi barabuze ababo, abandi barahunze, hari abapfunzwe, abakomerekejwe ku mitima no kumiriri atari uko bavyikwegeye mugabo kuko babikwegewe.Uko biri kwose waragiriwe nabi, warigiriye nabi canke ikibi […]