Uburinzi, ukuramba n’itunga niryo sezerano ry’Imana ridahinduka.
Uyu mwaka Uhoraho Imana yavuze yuko azokiza benshi, ahishure vyinshi kandi akore vyinshi mu gushitsa ivyo yasezeranye. Hariho abantu bumvise ivyo isezerano, imburi n’ubuhanuzi ntibatahura yuko kugira ngo biseruke mu mubiri bibanza kubaho mu Mpwemu bikaba ukuri kwamye. Abo bihutiye gutwara ivyo impwemu mu mubiri basiga Uhoraho Imana inyuma kubera birukira ivyubahiro, amaronko n’izindi nyungu […]