
UBORAHU YURURUKANYE IGITINYIRO CIWE MU BURUNDI
Kugira ngo ushobore gutahura ibintu bimwe bimwe, ni ngombga Mpwemu Yera abigusigurire.
Hanga Ryera ry’Imana namwe ba-Kristo mwese aho muri. Tumaze imyaka tubabgira yuko Uhoraho Imana yasezeranye kandi yuko agiye gushitsa ivyo yavuze. Yaravuze yuko aba musenga bategerezwa gusenga mu kuri no mu Mpwemu, bagashinga ibicaniro iwabo mungo; bakihana, bakabatizwa kandi bakezwa kugira ngo buzuzwe Mpwemu Yera. Aho niho bashobora kuja ku bicaniro vyo ku misozi gusenga Imana batunganye, gushima, gusiguza no kwinginga.
Nkuko Imana yavuzeko izorandura abansi bayo ihereye mu bitwa abakizwa badahagaze mu kuri, ntihakagire uwushira ibikorwa vy’Imana kuri satani. Imana ifise inzira nyinshi iriko irakoresha mu kurimbura. Ntihagire kandi uwusubira kwibaza yuko Uhoraho Imana yaje kwica abagororotsi. Ico ni ikinyoma ca satani. Umugororotsi wese azoronka uburinzi kandi yibonere ubgiza bg’Imana. Ni ca gihe umuntu wese yisabira umwanya wose kwama agororotse no kubako ikimenyetso c’anaraso ya Yesu Kristo.
Bamwe bavugishijwe yuko Uhoraho Imana yabujije abaja ku bicaniro vyamasengesho bafise amatelefone bakaja ku mihora ngurukana bumenyi, abandi bavugishijwe kujana Imana shatsi y’imiterano ( mèches), amahereni canke kuba wiravye amarangi ku munwa, ku nzara canke mu maso. Bagenzi tube tubgirwa twumve. Abavuga yuko Imana yavuze yuko ije gutwara umugeni, abo uhoraho ajanye mw’ijuru ntibabanza gukubitwa n’inkuba canke inkota ntimugahendwe. Uhoraho Imana yarabivuze ivyeruye yuko abayo izobaha amagara meza, kuramba n’umunezero bagataha bisaziye.
Igitinyiro c’Uhoraho Imana cagarutse mu Barundi, bantu tumenye yuko dusenga Uhoraho adakinishwa kandi atazihanganira ivyaha mu ku musenga. Ivyashikuye aba bari ku musozi w’amasengesho, naho tutari tubazi ni akayonera bahinga mu maso y’abantu bamwe bibaza yuko ari ukwimbura abagororotsi, abandi bakabura uko bovyita, mugabo ico umwe wese yomenya n’uko wahisemwe gukorera Imana canke ugiye ahera uba uwera ntube mu mayira abiri. Uhoraho Imana adushoboze twese kuyitunganira no Kugororoka mw’Izina rya Yesu Kristo.