Hariho ivyagezwe vyo kubana neza n’Imana n’abantu, Hakaba n’ivyagezwe vy’Inzira yo kuja mw’Ijuru mu Kristo Yesu.
NTUSHOBORA KUGEREKA KRISTO YESU KU VYAGEZWE : NI UBUZIMIRE Hariho abantu biyita Ihanga ritazwi bakadendekeranya amajambo y’urusobe n’inyigisho z’amangetengete. Ntibamenye gutandukanya ivyagezwe 10 vy’ISEZERANO Uhoraho Imana yahaye ubgoko bg’Abayuda n’inzira y’ukuri igana mw’Ijuru kubaremwe bose. Birya vyagezwe icumi Intumwa akaba n’Umuhanuzi Mose yaherewe ku musozi sinayi ryari isezerano ryo kubana neza hagati y’Uhoraho Imana n’Abantu […]