


Amashengero atunu y’abadventistes b’umunsi w’indwi Uhoraho Imana yabakuyeko uburinzi baca bakubagurwa n’amadayimoni y’ubgicanyi, ukurwana no gusambura amasengero yabo ku munsi w’isabo bapfuye uburongozi n’ubuserukizi. Kandi kubgo ubuvugishwa dufise Imana izogaragaza n’abandi bubakiye kurufatiro rutarirwo.


Umwe Lamber Muhimpundu nawe n’abiwe bari kurushi Uhoraho Imana yaraye abagaragaje. Baracanyemwo bashorana mu nzego z’umutekano zica zishira mu buroko a atari bake muribo. Ca gisandugu yahora abesha abantu ngo n’isandugu y’Isezerano baragitwaye hamwe n’ingoma yahora yigira ngo n’ingoma y’inganji yiwe. Igitebo c’inderuzo n’ubundi bukorkori bgiwe barabisanganguye nawe aca arayanyaga none ubu aguma abundabunda.

Abadiyoni bavuye I kuzimu kwa satani. Basohokeye mu Kaburi ku Mpanda I Bujumbura bahitana imibiri n’impuzu z’imizimu y’abapfuye aho mwirimbi bagenda bambaye baja mu mashengero ya Pentecôte kwigisha ku mugaragaro riva abantu bose barorera. Ivyo kera abantu batabonesha amaso bakavyita ibitito ubu n’abana barababona abantu bakabashengerera. Abitirirwa izina rya Yesu Kristo bose bakwiriye kurikanura bakareka kuzimirira mu madini n’amashero bakarondera Mpwemu Yera bigishoboka.
Mushobora gukurikirana izo ntahe kuri Radio Isezerano.