Umutekano mu Burundi: Ubu ni ca gihe umu-Kristo wese akwiriye kwegera Imana agasaba uburinzi kuri we, ku miryango no ku gihugu

Mu gihugu cacu kirimwo impwemu y’ubgicanyi yaciziziye haheze imyaka n’iyindi. Kera yariyorobeka ni naco catumye Abarundi bu bakira ku mva arizo binogo rusangi imyaka 50 ikaba igomba irangire. Ubu hoho ya mpwemu yo gusesa amaraso yaromoye kandi ikorera ku mugaragaro. Abantu ata soni n’umutimabgenge baritangaza yuko bishe kandiko bategura kwica abantu riva kandi bakabinezerererwa, abandi […]