
UMUTUMIRO W’AMASENGESHO
Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse, Ihanga Ryera ry’Imana ryose riba rifise amasengesho arangiza ukwezi akanatangura ukundi. Amezi yose yo mu mwaka, tuba dufise amasengesho aba kw’italiki ya nyuma irangiza ukwezi n’italiki ya mbere itangura ukwezi. Ubu azokorwa kw’igenekerezo rya 30/09 n’irya 1/10 ni ukuvuga kuwa gatatu no kuwa kane w’imivyizi canke Mercredi na Jeudi mu kinofonofo.
Aya masengesho ageze mu gihe, Ihanga ry’Abarundi twese twinjiye mu mezi atatu ya nyuma arangiza umwaka wa 2020 kandi akaba ari amezi y’ubuvugishwa buhambaye no kubona ibimenyetso vy’ivyahanuwe. Ayo mezi atatu azotangura kw’igenekerezo rya 1/10 arangire kw’igenekerezo rya 31/12/2020, umu-Kristo wese ayiteguriremwo urugamba ruhambaye rwo kugendana n’Imana.
- Mu sume indya mufungura zumye nk’ibisuguti n’ibindi birimwo isukari mushobora kurenzako amazi bikabafasha kuguma ku gicaniro.
- Abafise abana mubagurire ivyo gufungura bigume munzu kuko muzogira amasengesho yo kwitanga mutaronka umwanya wo kuja mu tuguriro.
- Umuryango wose utegure igicaniro co gusenga no gusiguza Uhoraho Imana mu mazu yanyu.
- Umuntu wese aze asome canke yumvirize amajambo y’umbgenge muzorungikirwa y’imero n’inyifato y’umwana w’Imana yo mu bihe bigoye isi irimwo.
Ubuhanuzi buravuga yuko hagiye kuba umwijima, amaganya no kwicuza ku bumvise imburi bakanka kwihana, canke kubafashe ijambo ry’Imana minenengwe bakarigira ibijandijandi.
URUTONDE RW’AMASENGESHO
- Ukwihana n’ukwiyeza ku caha n’akaha.
- Ukwihana ni ukugira intuntu kubera ivyaha wakoze, ugacumura ku Mana, ugacumura no kubantu maze ugasaba imbabazi. Iyo wagize intuntu n’umubabaro kubera ivyaha vyawe hanyuma ukabisabira imbabazi ubutagisubira inyuma, uca ugira amahoro arutwa n’uko yomenywa n’uwariwe wese, ukamenya yuko wababariwe n’Imana ivyaha vyawe. Uba wasenze isengesho ryo kw’ihana n’isengesho ryo gusaba imbabazi. [Ivyakozwe n’intumwa 3:19]
- Ukwiyeza ni ugutunganywa mu mpwemu yawe, mu mutima no mu mubiri aho ata kantu na gatoya kotosekaza ukwera canke ukugororoka kwawe. Urandura agasembga kose mu bugingo bgawe. Uwejejwe aba yashizwe ukwa wenyene kandi akaba yarahindutse mu vyiyumviro, mu mutima, mu mvugo no mu ngiro. Twame tuzirikana yuko hazoja mw’ijuru abejejwe gusa, kandi amaraso ya Yesu Kristo yo nyene niyo atuma twezwa. [1Abitesalonike 5:23]
- Gusengera imitwaro itandukanye
- Umutwaro wa mbere kandi mukuru n’ukwibutsa Uhoraho Imana ngo ishitse ivyo yasezeranye. Iyindi mitwaro yose abantu bafise yenena kuri uyo mutwaro kuko Uhoraho ashikije isezerano n’iyindi mitwaro izoba ishikijwe. Ni ugusenga dusaba ngo ubugombe bg’Imana bube mw’isi nk’uko buba mw’ijuru. [Matayo 6:9-10]
- Gusenga dusambuza ubushobozi bg’umwijima, amangetengete, amareba, abarozi, abapfumu, abadayimoni na satani bitsindwe. Ivyo bigwisha birageramiye abantu, imiryango, amashengero n’igihugu. Ni ugusenga ngo izo nzitiro za YERIKO zisanganguke mw’izina rya Yesu Kristo. Nti hakabe icumu ry’amanyakibi riguma mu mugabane w’abagororotsi. [Yosuwa 6: 20-21]
- Gushimira Uhoraho Imana.
- Aho uri hose ivyo urimwo vyose, urakwiriye gushimira Uhoraho Imana. Ushobora kuba uri mw’ibohero, ushobora kuba uri mu buhungiro, ushobora kuba uri mu bitaro ugwaje canje urwaye, ushobora kuba uri mu ruhira mugabo wogarijwe n’ubukene, inzara, umutekano muke, intambara zo mu miryango canke ayandi maganya n’amagogwa. Nti wihebure mw’ijuru hari Imana. Senga ushima Uhoraho Imana yuko igiye ku gutabara. Senga ushima Uhoraho Imana yuko ukiriho kandi yuko igiye kuroranya ibintu. [Zaburi 118:1, 95:1-3, 100:4-5, 118:29, 9:1, 7:17]
Twinjiye muri vya bihe umu-Kristo w’ukuri agiye gushingira intahe Yesu Kristo. Urutaro ruri mu kuboko kw’umugosozi, bamwe bishusha kandi badakwije ibiro bagiye ku gurukana n’umuguruka. Yesu Kristo yamamare!