Amabanga ya satani yamenetse: Twamenye ibiriko biraba mu gihugu cacu.

            AMABANGA Y’IKUZIMU YAMENYEKANYE

Hariho abantu batazi yuko hariho iyindi isi ibangabanganywe naha dutuye. Iyo si iriho kandi ikoresha ubushobozi bg’umwijima. Isi ya satani n’abadayimoni, abantu benshi bakunze kwita i KUZIMU iriho kandi n’ukuri. Abarundi n’abanyamahanga benshi bazwi muri ubu buzima bama bagiyeyo bakagaruka kuko bakorera satani bakongera bakarangura n’amabanga yabo ngaha muri iy’isi tubayemwo.

Muri abo bakorana na satani harimwo abantegetsi mu gihugu c’Uburundi, harimwo abanyamadinini mbere harimwo n’abitwa abakuru b’amashengero y’aba-Kristo, harimwo abadandaza, hakabamwo abagabo n’abagore, abana n’abakuze.

Ibikurubikuru bakora ni:

  • Ukwica abantu benshi bakabashira satani nawe akabahemba ubutware, ubushobizi, amafaranga n’ivyubahiro.
  • Benshi barahawe utubuye two kwa satani (twitwa Crystal Ball) barabiramwo ibintu vyose bashaka n’aho bashaka hose.
  • Bica abantu mu mihingo myinshi y’igihugu mu guteza impanuka z’ubgoko bgose, mu guteza ingwara n’ubundi bgicanyi maze bagaca babatwara i kuzimu bagisambagirika bataracikana.
  • Bakorana n’abadayimoni bihindura ibikoko canke bakihindura abantu, abo nabo bagategera abantu na cane cane kuminsi ya gatanu y’imivyizi n’iminsi bita kuwa mungu (Vendredi na Dimanche).
  • Hariyo, hariyo abana benshi b’Abarundi batwaweyo, ubu bariko barakurira i kuzimu. Igihe kigeze bazoza guteza impfu mw’isi y’abazima.
  • Hariyo abantu mwibaza yuko bapfuye mu mubiri kandi batwawe bakiri bazima kandi ubu bariko barababazwa hiyo munsi.
  • Hariyo abantu banyu mwabuze mukibaza yuko bagiye kurobera canke bahunze kandi baratwawe ikuzimu. Bashobora kuba bari I kuzimu canke barabariye imibiri mugabo imitima yabo iriko irababazwa.
  • Abo batwawe iyo mutazi barabica bakabamena n’uduhanga
  • Inyama zabo zigacika indya z’ikuzimu,
  • Amaraso yabo agacika ibinyobga vy’abadayimoni n’abandi bakorana na satani.
  • Ubgonko bgabo akaba aribgo bakoramwo amavuta, poudre na parfum bagaruka kubagurishako mukisiga.
  • Iminsi y’irayidi niyo minsi batangako ibimazi kwa satani, abavyeyi benshi batwara imbanyi zikoroka ntibamenye ivyarivyo kuko abana baba batanzwe.
  •  
  • Hariho abantu benshi bafatwa bukumbi, mukumva ngo baciye bapfa. Benshi baba batwawe hariya kubera imvo zitandukanye.
  • Abakobga benshi bari ngaha kw’isi, na cane cane abo biyita abakirisu kandi batahaye ubugingo bgawe Yesu Kristo vy’ukuri ngo bamaramaze, basambana n’abadayimoni ijoro n’umurango, ku nzira nahandi hose. Bamwe barabimenya mugabo n’abandi ntavyo bamenya.

ICITONDERWA:

Hariho amazina menshi y’abantu tubanye ngaha mu gihugu yamenyekanye yuko bama bagiye hariya, abatanze ibimazi vy’abantu n’abakorana n’ikuzimu mu buryo bumwe n’ubundi. Kuyahora ni ugukingira ikibaba abazingamitseigihugu cacu.

Hariho ibintu vyinshi twabariwe n’abantu batandukanye. Abo bantu Yesu Kristo yabohoye kubera amasengesho y’abera, ntibari bazinaye, bamwe bahuriye hiyo mu kuzimu guhinda umuyaga,  baradushingira intahe, bakatubgira ukuri kw’ibibera hiyo n’ibibera ngaha kw’isi dutuyeko biteye ubgoba, mutegerezwa kubimenya.

Muntu udahagaze neza mu gakiza, ivyo Uhoraho Imana ubifata nk’ibihunda binyagara, uragowe! Satani ni wewe arondera kuruta abandi bose kugira ngo agukoreshe ivyampurambi, agutware ubuzima, arye inyama z’umubiri wawe, anywe amaraso yawe kandi ubgonko bgo mu mutwe wawe abukoremwo umuyonga. Mwese mwihane neza, mukizwe kugira ngo dutonde urugamba.

Uragomba kwiyumvira izo ntahe kugira ngo umenye ingene satani, abadayimoni n’ibikoresho vyabo batumazeko abantu? Uragomba kumenya ingene wobako uburinzi na cane cane muri ibi bihe bibi twimirije?

Twandikire kuri ihangaryimana@gmail canke wegere umukozi w’Imana wo mw’Ihanga Ryera ry’imana ari hafi, canke wandike kuri +257 61404181, +257 794 849808, +251 940846357, +1 604 400 5580.