
UKO UMUKRISTO AKWIRIYE KWIFATA MU BIHE BIGOYE VY’INTAMBARA
“Iyo hatari uguhishurirwa, abantu bagenda uko bagomba, ariko uwitondera ivyagezwe aba ahiriwe. “[Imigani 29:18]
Abakristo bategerezwa kumenya ingene bifata mu bihe vy’umunezero, ibihe vy’amagorwa n’ibihe vy’intambara kugira ngo boye gukubagurwa na satani canke ngo bacumure kubera ukutamenya.
Turagomba yuko umuntu wese asuzuma umutima wiwe yihane, yezwe kugira ngo amenye yuko ari umuhigwe canke ari umutsindwa. Igipimo kiri muri [Matayo 5:1-10] Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo yarerekanye abahingwe abaribo mu bihe bigoye kandi n’umwanditsi Dawidi yarerekanye ibibereye vyigikundiro muri [Zaburi 133:1].
Imana irazi yuko ari mu kunyura mu bigeragezo dushikira ukubona ubgiza bgayo ni naco gituma yaduhishuriye ivyo tugiye gucamwo iduha n’impamba yo guca mu mibabaro. Ngizo rero impfunguzo 10 zo kunesha tukazosohoka nkabahizi mu bihe bigoye igihugu cacu n’isi igiye kunyuramwo:
Urupfunguzo rwa 1: Kwemera yuko ibigeragezo bisanzwe mu buzima.
Intumwa Pawulo iratubgira iti: “Bakundwa, ntimwibaze ngo si ibisanzwe guca mu bibagerageza iyo bibashikiye” [1Petero 4:12]
Na Yesu Kristo ubgiwe yarageragejwe arababazwa gushika naho ashika ku rupfu rubabaje kandi ruteye isoni ku buryo ata mwana w’umuntu yari yotahuye. Yesu yavuze ati: “Mwibuke ijambo nababariye, umushumba ntaruta shebuja, niba barampamye namwe muzohamwa.” [Yohana 15:20]
Urupfunguzo rwa 2: Kumenya y’uko ibintu vyose bituzanira ivyiza.
[Abaroma 8:28] hatubgira yuko tuzi ko ibintu vyose bikoranira kuzana ineza y’abubaha Imana, kubahamagawe kubgo umugambi wayo. Uri mu mugambi w’Imana rero ntaco gutirimutsa.
Urupfunguzo rugira 3: Turashobora kurinda kandi tukanesha ibigeragezo vyose.
Ntimuzi yuko Uhoraho Imana atazorekura ibigeragezo tudashobora kwihanganira? Turasoma yuko: “Ata kigeragezo cabashikiye uretse igisanzwe ku mwana w’umutu; Imana ni iyo kwizigigwa, ntizokwemerera ibabagerageza birengeye inkomezi zanyu kuko izobacira icanzo kugira ngo muneshe” [1Abikorinto 10:13]
Urupfunguzo rugira 4: Harura vyose nk’umunezero
Mu bihe bigoye dutegerezwa kubinezereregwa navyo kuko ari nayo nzira yo gukomezwa no gutabagwa. Vyumvikana umengo ntibihuye, ariko niko dutegerezwa kubigenza kuko dusoma ngo: “Bavukanyi, ni mwagwa mu bibagerageza bitari imwe ,mwiyumvire yuko arivyo kunezereregwa rwose” [Yakobo 1:2]
“Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze nkuko mubonye akatarabonetse. Ariko munezereregwe n’uko mufatanije imibabaro na Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishugwa kw’ubgiza bgiwe muze munezeregwe muhimbawe.” [1 Petero 4:12-13]
Urupfunguzo rugira 5: Gukura inyigisho mu mageragezwa.
Nkuko twabibonye ibigeragezo bituma ukwizera kwacu gukomezwa kandi tukaharonkera ukwihangana. [Yakobo 1:2-3]
Burya iyo umukristo adaciye mu bigeragezo, ukwizera kwiwe kuba magonyagi kandi ntashobora kunesha canke ngo afashe abandi. Iyo ukwizera kwawe kudaciye mu bigeragezo umenye neza yuko hariho ibitagenda neza kuko uba utaranakuzwa mu kwizera. [1 Petero 1:6-7]
Urupfunguzo rugira 6: Gusukura imigenderanire n’Imana
Ibigeragezo bitegerezwa kutwegereza Imana Nyen’ingabo. Igihe turiko turaca mu mwonga w’igitutu c’urupfu, ntitukagire ikibi dutinya. Kubera iki? Kubera yuko Imana iri kumwe natwe. [Zaburi 23: 4] Igihe twegereye Imana tuba twegereye isoko yo kwirugwa no guhozwa amarira.
“Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse. Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, ariko Uhoraho ayamukiza yose. Azozigama amagufa yiwe yose nta na rimwe rizovunika.” [Zaburi 34:18-20]
Urupfunguzo rugira 7: Guhanga amaso ijuru, ubgami bg’Imana.
Iy’si turimwo itegekwa na Satani [2 Abikorinto 4:4] dutegerezwa kuzirikana yuko isi yose yasutswe na satani. [Ivyahishuriwe Yohana 12:9] None rero ntitwotangazwa n’uko isi yuzuyemwo umubabaro, inzara, indwara, urupfu n’ububisha.
Twiyumviriye ivyo tubikiwe, tubibona muri [1 Abikorinto 2:9] yuko ari “ivyo ijisho ritigeze kubona, ivyo ugutwi kutigeze kwumva n’ivyo umutima w’umuntu utarigera utahura. Ivyo nivyo Imana yabikiye abayikunda.”
Urupfunguzo rugia 8: Rondera impanuro ku Mana Nzima
Dusoma mu [Imigani 11:14] yuko ababuze abarongora b’ubgenge abantu barahenebera, ariko mu nama ya benshi habonekamwo amahoro. Ntaco rero umuntu aba, iyo asavye impanuro abandi ahubgo biramukiza. Muri ico gihe umuryango, abagenzi, abungere wizigiye bashobora kuguha impanuro nziza zijanye n’ibihe murimwo.
Urupfunguzo rugira 9: Wame usoma Ijambo ry’Imana, Bibiliya.
Dusoma muri [2Timoteyo 3:16-17] yuko ivyanditse vyera vyatanzwe vyahumetswe n’Imana kandi yuko bitugirira akamaro bikaduhanura, bikatwigisha, bikadutunganya, bikadutoza indero nziza mu kugororoka kugira ngo umuntu w’Imana abe ushitse, afise ibimukwiriye vyose ngo akore igikogwa ciza cose.
Urupfunguzo rugira 10: Senga Imana.
Turasanga muri [1Yohana 5:14] ubushizi bgubgoba dufise mu kwizera Mana, n’uko iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ico igomba itwumva, ikakiduha.
N’uko rero nkuko dusenga dushobora “Kwegera intebe y’Imana y’ubuntu n’imbabazi dushize ubgoba kugira ngo turonke ikigongwe, tubone n’ubuntu bgo kudutabara no mugihe kigoye.” [Abaheburayo 4:16]
Ubintu 5 Umu-Kristo ategerezwa gukora ngo ntagwe mu kutamenya
- Ntugapfe gufata ingingo yo guhunga.
- Kurondera ubgugamo bukomeye.
- Ntukagende imbokoboko.
- Ukwigwanako.
- Uguteganya vyankenerwa.
Uragomba izi nyigisho zo kwikingira no gukingira umuryango n’abandi ku buryo bgiyaguye? Uragomba kumenya igikenewe muri aka kanya? Uragomba kumenya ivyimirije kuba mu gihugu uruyemwo? Uragomba kumenya inyifato nziza yo gukiza urupfu kandi ukaguma ugororokeye Uhoraho Imana? Twandikire kuri ihangaryimana@gmail.com canke kuri +257 61404181 canke wegere abakozi b’Imana bakuronse izo nyigisho. Umwami Kristo Yesu yamamare!