Ururtonde rw’amasengesho yo gutuza uburozi, amangetengete, ubupfumu n’ububisha mw’ihanga ry’Abarundi

IHANGA RYERA RY’IMANA RIRATUMIYE ABAKRISTO BOSE GUTONDA URUGAMBA. Igihugu cacu c’Uburundi nti kizoguma ari ikirikimbiro ry’abadayimoni, abantu benshi bicwa abandi bahunga uko imyaka ikurakuranwa. Harageze yuko umu-Kristo wese ahaguruka tugatonda urugamba rw’abera. Hari ibibi vyinshi bikorwa n’abantu kuva hasi gushika hejuru. Aba-Kristo twahawe ubushobozi bgo guhindura ibintu, ntitwokwihanganira kuguma tureze amaboko. Dufise ububasha bgo gukandagira […]