Guhera uyu munsi wibuke kwihana, kwiyeza no gutunya ubugingo bgawe.

Turashimiye abantu mwese mwitavye akamo mwatewe ku gusenga amasengesho y’iyi minsi Uhoraho yadutegetse yo gusenga kugira ngo ashitse kw’ihanga ry’Abarundi ivyiza yabasezeraniye. Iyo uri hose, Imana iragomba guhindura ubuzima bgawe mu mubiri no mu mpwemu. Iragomba kugukiza, kuguhezagira wewe n’umuryango wawe n’igihugu cawe. Igufiseko umugambi w’amahoro n’umunezero mugabo nawe iragomba yuko utungana kandi uyikorere. Iybure […]