Uburundi niyo isirayeli y’ukuri kandi abayuda Bibiliya ivuga ni Abarundi si abera: Abanyabgenge barahinduye inkuru benevyo nabo babitwara ukutariko

Umuhungu wa BGEJERI yubakanye n’abiyita abayuda bera.

Mu nkuru z’abakurikirana ivyanditswe muri Bibiliya Yera hariho abavuga yuko Uburundi ariyo Isirayeli y’ukuri atari isirayeli ya 2. Abandi bakemeza neza y’uko ubgoko bg’ Abayuda buri muri Afrika bati bgoba ari Abarundi. Hariho abashika kure bakavuga yuko ari ubgoko bgafashwe nk’abacakara, abahe utu. Mu Barundi hariho abavyemera gutyo naho Bgejeri wewe bavuga yuko abicurika akavuga ngo abazungu nibo ba nyesirayeli abatutsim nabo bakaba ababamukamwo. Ivyo avuga ntivyemerwa na bose naho agerageza kubibateragiramwo.

Lambert Muhimpundu areruwe n’abamwimitse nk’umwami w’abayuda mu gihugu c’Ubukiriro ( Bujumbura, Burundi)

Mukirundi hariho imyibutsa myinshi itangaje. Hari n’uwuvuga ngo umusazi asarana ijambo. Uwo mwibutsa uwushize mu ndimi zo hanze abantu bose bogutwenga. Mugabo yaba BGEJERI canke MUHIMPUNDU bose barafise ukuri guhishuriwe benshi, uretse yuko bobo bakugira ukwabo bakaguhagararako kandi bakagira n’abo bikwegerako bakabagira imbata zabo.

Hari n’abo uvuze yuko inkuru zibarwa muri Bibiliya zivuga ivya Afrika n’abirabure babona yuko uri umuzamyi. Ariko uko biri kwose abagiye barahindura Bibiliya benshi hari ivyo bahindukije naho ataco bakuyemwo canke ngo bongeremwo.

Abahinga n’abashakashatsi ba kahise ka Bibiliya bemeza ibi bikurikira:

-Muvyo ukuri ubuhinga burerekana yuko ITONGO RYA ÉDÉNI ryari muri Afrika kandi yuko ABURAHAMU na SARA bari abirabure. Abamarayika babonye nti bari abazungu nkuko abo bose babacora mu bitabo, bari abitabure.

-Mose yatwaye Ihanga ry’Imana mu gihugu c’isezerano yari umwirabure yavukiye muri Egiputa, akuriraho, yigira yo amara n’imyaka 40 aragira intama maze Uhoraho Imana imwiyerekera aho muri Afrika.

-Mariya nyina wa Yesu yari umwirabure kandi abantu ntibakaje baravuga yuko abazungu n’abarabu aribo Bibiliya ivuga ahubgo yuko ivuga abirabure.

-N’Intumwa Pawulo yari umwirabure nkuko tubisoma muri Bibiliya IVYAKOZWENINTUMWA 21:38.

Uko biri kwose mu bicapo berekana yuko abamarayika bera, aburahamu, Mose, Mariya, Yesu, Pawulo n’abandi bera; bavuga yuko Edeni yari muri iraki, bagashita Ihanga ry’Imana aho bita muri Isirayeli uyu munsi; hariho ibintu uwakiriye Yesu Kristo wese yomenya:

1. Nti dusenga Imana yera canke yirabura dusenga Imana Nyeranda, y’ubushobozi, yaremye vyose kandi itaboneshwa amaso y’umubiri kiretse uwo igomvye kwiyereka

2. Agakiza k’abaremwe nti gahagaze kw’ibara ry’urukoba abanditswe muri Bibiliye Yera bari bafise gahagaze ku kwizera Umwami n’Umucunguzi Yesu Kristo yitanze ku bgacu.

3. Ivyo binyegezwa vyose, ivyo bacurika n’ivyo bacurura tugiye kubimenya neza ni twihana, tukezwa, tukabatizwa hanyuma tugahabga ingabire za Mpwemu w’Imana Yesu Kristo akazosanga tugororotse.