Abantu bakunda abaremwe n’igihugu mukomeze gusengera Abarundi n’Uburundi kuko hariho intumwa za satani nyinshi
Amwe mu mafoto y’abateye n’abatewe. Urwaruka rwinshi ruriko rurahendwa rukicwa nk’inyamaswa kandi rukihakanwa. Waba urwanya reta canke ushigikiye reta bikumarira iki wise mugenzi wawe? Uratera ukicwa nabo muri kumwe ataco ushitse baguhenze ngo urwaniye igihugu. Nta gihugu wa rwaniye ahubgo wacitse icambo, umusiba kw’igera ry’umunyepolitike yagutumye akigira inyungu ziwe. Baguhenze ngo ahuko amaraso yawe amenekera […]