Ijisho ry’umuvugishwa: Impanuka n’ubukozi bg’ikibi birabandanya kwibonekeza.

Mu gisagara ca Bujumbura, quartier Bururi zone Kinama, uwatowe kugira azotware quartier, umuryango wiwe wahawe ishano , ubu umuvyeyi wiwe aramaze guhwera abandi bakaba bariko barirukirwa. Ububisha bg’abantu butera bgiyongera, ikibi kikaba cinshi kandi uravye abakora ivyo usanga batonda mu mashengero ngo barasenga.

Mu Ntara ya Gitega, Commune Gitega , aho bita I Takoma( près de l’Université Polytechnique de Gitega), hahejeje kubera accident, camion igonze aba piétons batatu, abagabo 2 baciye bapfa ( umwe yitwa Abdallah), umugore yababaye cane, ubu ari muri coma.
NTIZIHABOSE Béatrice,
Province: Rumonge
Commune: Bugarama
Colline: Mugendo
Né en 1975. Uwo bubakanye ni uwo Abdallah yitavye Imana.
Bose bava mu Rumonge, i Magara, bakaba bari baje kuburana i Gitega. Abapfuye bari mu buruhukiro ku bitaro bikuru vya Gitega, n’uwundi niho ariko aravurirwa. Abobamenya mudufashe kubimenyesha ababo.

Muri Savonor hahiye abakozi numuhindi umwe baturiwe na Shaudier bapfuye ariko umuhindi ntaracicana imodoka niyo ije kugira imutware uwo kwamuganga ariko abakozi bahiye baratokombera.
Abantu bitwaje ibigwanisho benshi bagiye ku musozi Ndayi, zone Bikanka, communes Mukike mu Ntara ya Bujumbura. Basoshe abantu benshi ngo ubu bariko barabica.
Abamenyekanye ni abacumiswe imbugita mu mutwe,warumurwi wa bakomerekeje abantu.
Ikiziga ca Joachim Ngendakuriyo, ca towe mu ruzi mbubarazi kuwa 27/08/2020.
Mu gace ka Ruhinga zone Bugarama mu ntara ya Muramvya haravugwa abantu 12 bishwe n’abitwaje ibirwanisho. Musitanteri na Bulamatari w’intara ya muramvya bakaba bahishikiye.