
TWUBAKE INZITIRO Z’IGICANIRO C’IMANA
Hanga Ryera ry’Imana, aho muri mu gihugu cacu no mu mahanga, nkuko twabatumiriye amasengesho, bamwe bayatanguye ayo iminsi 3 uyu munsi igenekerezo rya 29. Bazoyabandanya gushika kuri 31, aho abandi bazoba batangu ayo iminsi 2 bazosozera kw’igenekerezo rya 1 ry’ukwicenda. Twese turi mu rugamba rumwe rwo kwubaka inzitiro z’igicaniro c’Imana mu mitima no mungo zacu. Mwese muratumiwe.
Turagomba kwishura kandi utubazo abantu babajije bisunze ubuhanuzi buvugwa, na canecane iyo buza budoma urutoke ku bibi bikorerwa mu mashengero no mu vyumba vy’amasengesho.
-Hari uwutazi yuko amashengero menshi yacitse nk’urudandazwa! Hari uwutazi yuko abakuru b’amashengero nka yose bisutse mu vya politike n’imigambge, amacakubiri y’amoko n’ubundi bube gito!
-Ninde atazi yuko mu mashengero abarongozi bicana hagati yabo bakicisha n’aba-Kristo, batanga ishano bankana kandi basharikana gusumba n’abapagani batazi Imana!
-Hari uwutazi yuko hari ivyumba vy’amasengesho benshi basigaye bahinguriramwo ububeshi ngo ni ubuvugishwa, ubusuma, ubusambanyi n’ukwahukanisha abantu!
– Hari uwutazi yuko uretse mu gihugu, n’abagiye hanze mu mahanga bakoze udushengero tw’uduhojojo tutagira Mpwemu Yera ahubgo ari amacandya!
Uwokwumva ukwo kuri kukamutsiza yoba akiri umwana mu gutahura bita “bebe spirituel” mu kinofonofo. Abantu barakwiriye gukura ukuri bakagufata nk’ukuri kuko niho bomenya aho igihe kigeze.
Uti si amashengero yose. None ducereze kuko atari yose? Ahubgo dusemerere bihane bose ntihagire uwusubira gutukisha umurimo wa Data.
Hamwe wewe woba uhagaze neza mw’ishengero urimwo ntiwibaze yuko abandi bose bo muri iryo shengero urimwo ariko bahagaze uretse ayandi mashengero, rero.
Hamwe mu cumba c’amasengesho urimwo vyoba bimeze neza ntuce uhaguruka ngo ubere umuburanizi w’abari mu bindi vyumba vy’amasengesho kuko siko biri. Benshi bakorera mu buzimire.
Uti si ivyumba vy’amasengesho vyose. None duhebe gusemerera bagume bakora ibizira ngo harimwo umugeni wa Kristo? Iyo ni Impwemu y’ubupfunya.
Abitirirwa Uhoraho Imana bakwiriye kuba ab’Imana nyene kandi bose, bakareka kuba ibigomezo vy’abizera, kuko nico Imana igomba. Ahubgo urwo rukozasoni mu mashengero no muvyumba vy’amashengesho rugiye kubona ibara.
Yesu yasanze bariko baradandariza mw’ishengero, nkuko bariko barabikora uyu munsi mu mashengero no mu vyumba vy’amasengesho, yabakubise ikimoko. [Matayo 21: 12]
Mpwemu Yera arinze aburira amashengero n’ivyumba vy’amasengesho, wewe ntuce uhaguruka ngo ubiburanire kuko usanga uriko uranigana n’Imana. Ahubgo ukwiriye guhaguruka ugasemerera kugira ngo amashengero ari mu gihugu n’ayari mu mahanga yihane ahindukirire ukuri.
Ahubgo ukwiriye gusuzuma ivyumba vy’amasengesho urimwo yuko bikorera mu kuri kuko benshi bakorera mu buzimire. Ivyo tubifitiye n’ivyemezo. Suzume ivyo vyumba vy’amasengesho bitonde neza bibe ibicaniro vy’Uhoraho bireke kuba ibirwisha ku bantu.
- Ubgambere, hari uwavuze ati ubgo buhanuzi mutanga ni bgiza cane kandi ni ukuri. Ati nagomba kubasaba muze murabuha benebgo mu bashikira iyo bari kugira ngo ba buronke.
- Urakoze ku cipfuzo cawe, Turagushimiye. Ubuhanuzi bgose burashikira benebgo. Kandi burya ubuhanuzi buciye kuri Radio buba bugiye gushikira benebgo no gutanga imburi kubandi kugira ngo abasenga basenge, abihana nabo bihane. Burya abo mana iha ubuhanuzi iba ibakunda no mwitiro irabashikira ikababurira.
- Uwundi yabajije ati hariho amajambo akomeye yakoreshejwe ku vyumba bimwe bimwe vy’amasengesho ngo ni imishwena ngo kandi benshi aho kuhakirira barahapfira. None ni vyose?
- Umukozi w’Imana yeretswe ivyo vy’ivyumba vy’amasengesho ni nawe yavugishijwe yuko abazokira ari abanyakarago. Mu mburi atanga arashigikiye yuko habaho ivyumba vy’amasengesho bikora mu kuri bihagarikiwe n’abakozi b’Imana kandi abari murivyo bahagaze neza.
- Abo bose mwumva ngo biyimitse, ngo biyise abami, abaheri, abalewi n’abandi; abo bose mwumva bibazira ibishunyo v’abantu nivyo amasandugu bakabipfukamira bazimirira mu madini n’amashengero; abandi bagahendwa n’ubuvugishwa bg’ibinyoma bgo muvyo bita ivyumba vy’amasengesho.
- Icumba c’ukuri c’amasengesho ari naco gicaniro Uhoraho Imana ikunda ni umutima wawe. Ukwama utunganye kandi usenga aho ugeze hose. Mu bindi vyumba aho abantu bakoranira navyo ni vyiza mugabo biza ubugira kabiri kandi ni ukwama musuzuma ibihabera kuko si vyose birongorwa na Mpwemu w’Imana.
Hari ivyo Uhoraho Imana yerekanye bibera mu makambi y’impunzi za tanzaniya n’ahandi. Umukozi w’Imana ntiyigeze ahakana yuko atamugeni wa Yesu Kristo ari muri ayo makambi y’impunzi mugabo yahishuye ingene Imana ifata abakozi bamwebamwe kandi twebge tuhazi twasanze ariko bimeze. Tuhafitiyeyo ivyumba vy’amasengesho n’amashengero. Abakozi b’Imana bariyo baraduha ivyegeranyo. Ni ugusemerera bagahinduka bakezwa kandi bakemera uburongozi bga Mpwemu Yera.
Twagomba gusaba umuntu yoba adatahura neza kudashikuza kandi kutagerageza kunigana na Mpwemu ngo bakoresheje amajambo akomeye kuko uko Imana ibiduha niko natwe tubitanga. Twagomba kubibutsa yuko kugira ngo utahure ivyo ijuru ritangaza utofata akajambo kamwe gusa, nkuko abatazi Imana babigenza, mu majambo menshi aba yavuzwe ahubgo y’uko ari ugutahura ijambo ry’Imana n’ubuhanuzi bgose uko buba bgatanzwe.
N’ubu Mpwemu w’Imana arahishura yuko hariho amashengero n’ivyumba vy’amasengesho vyavangiwe, kandi namwe muravyumva kuko hari amanyanga menshi abera mu biyita abakizwa bapfiriye mu madini no mu vyumba vy’amasengesho. Nico gituma ari ukwama musuzuma ivyo murimwo. Igihe n’iki c’abatoranijwe kuvangura ukuri n’ibinyoma kuko araje yihuta guhemba no guhana.
Turashimiye abantu bose bose bumvise akamo bakaba bariko baratunganya hirya no hino mu gihugu n’abari kure mu mahanga.
Turashimiye kandi n’abariko barabaza ibibazo bitandukanye. Ico udatahuye ni vyiza ku baza, mwagize neza.
Mwese mwame mwibuka kwitunganya, kwezwa no kwamamaza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo, Amen.
.
Yesu ashimwe, nifuje kubaza ikibazo » kugiranjeyo ivyumba cank ibicaniro bishike mugihugu vyaje gute?
Uwabijanye ninde?
Kuki ivyumba vyose vyubakiye kw’isabato
J’aimeJ’aime
Kuri Radio Isezerano haracako inyigisho zitanga umuco. Ivyumba si vyose vyubakira kw’isabato. Ivyubakira kw’isabato ni ivyo abasohoke.
J’aimeJ’aime