Ihanga Ryera ry’Imana rihamagarira Abarundi kureka ibibi bakihana
Tumaze iminsi hari ibiziga vy’abantu biza biratogwa hirya no hino mu gihugu cacu. Ivyo bikerekana yuko hariho ububisha buteye ubgoba mu Barundi. Iyo atari ku mvo z’indyane z’imigambge, ni ubgicanyi bufatiye ku nzankano zo mu miryango amatongo n’ibindi. Mu bihugu vyose vyo kw’isi turazi yuko habaho ubgicanyi bene ubgo buhagarara ahanini kubadandaza ibiyovyabgenge, amashari yo […]