Mu Burundi basigaye barya urushato rw’inka bakarugura mw’isoko nk’imituri y’inyama

Mu ntara ya Bubabza ngo urshato rw’inka ku duharage bokwicirako. Ibihe biha ibindi: Kw’isoko y’i Bubabza basigaye bagurisha ibihimba vy’inshato kubazifungura. Imiteko y’amafaranga 1000 na 2000. Abayangayanga bati:  » Uh!, ivyo biramaze kumenyerwa. abazigura bavuga yuko ushize izo nshato ku biharage ntiworaba ingene bumanuka. »

Izo nshato kera zarondererwa kwambika ingoma, none zoje zisubirira imisoso y’inyama mu nkono kuko isigaye izimvye ikiro c’umusoso w’inka kigeze ku 8.000Fbu. Nayo isake igaburiwe neza ni hagati ya 15.000 na 25. 000. Aha twotera akamo abategetsi barongoye igihugu, Abarundi bose na cane cane aba-Kristo kumenya yuko igihugu kibungwabungwa muri vyose n’uburimi n’ubgorozi budasigaye inyuma.

Naho abantu kwanda no kugura inshato zinka ngo zije kuribga babifata ibisanzwe, ni ikimenyetso c’inzara n’ubukene buzura inzara mu gihugu kimaze imyaka n’iyindi cikukiye, kirongowe n’abategetsi b’Ababarundi, na cane cane gifise isi yimbuka, ibitungwa bishobora kwororwa. Habuze ishaka ry’ubutegetsi n’abanyagihugu ngo ibintu bihinduke.