Amasengesho y’ABERA y’amasaha 24 yatanguye

IHANGA RY’ABERA KW’ISI YOSE RYATANGUYE AMASENGESHO
Ayo masengesho yo kwitanga ata kurya no kunywa aza kumara amasaha 24h gusa kuri iri genekereza rya 10 NDAMUKIZA 2020, ariko arakorwa mu gihugu c’Uburundi no hirya ku mpande zine z’isi, yitabge n’ab-Kristo bavutse ubgakabiri bizeye yuko Yesu ari Umwami n’Umukiza. Turiko turasenga muri uru rutonde:1.Twese twihane kandi twitunganye kugira ngo tugororokere Imana yo mw’ijuru.2. Uhoraho Yehovah akize abamwizeye bari mw’isi iki kiza gihagarare.3. Imana Ihoraho ishitse ku bgoko bgayo ivyo yadusezeraniye kugira ikanguro ry’ubutumwa bgiza bgamamare isi yose.4. Kwizihiza PASIKA yo kuva muri Egiputa y’ivyaha, uruhungo, ubukene, amarwara n’inzankano.5. Gushima Imana kubgo ivyiza vyinshi imaze gukorera Ihanga ryayo.Aho uri hose urahamagariwe kw’ifatanya n’Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana. Amen!