Abarongoye uburimyi bakwiriye kwijukira ibiterwa bishasha mu gihugu kugira ngo bagwize umwimbu.

Hari ishirahamwe ryitwa « JIT MAT UGANDA LIMITED » rigiye kuza mu Burundi rizorima amasaka yera ryongere ryubake n’ihinguriro ryayo. Bivugwa n’umushikiranganji ajejwe uburimyi. Prosper Dodiko amenyesha ko bazorima kijambere kandi ko n’abarimyi bazokorana bazobaha imbuto n’ifumbire bongere babakurikirane. Umushikiranganji Dodiko aremeza ko imashini zo kurima zatanguye gushika. Yongerako ko abazokwitabira umugambi bazobagurira ikiro c’amasaka ku bihumbi […]