Abategetsi b’igihugu boba bafata ingingo bataravye ingaruka mbi na nziza zigira ku gihugu n’abenegihugu.
Makamba : Bamwe mu banyagihugu begereye igihugu ca Tanzania bavuga ko bahanzwe cane n’ikibazo co kuvunjisha amahera, ku bashaka amarundi canke amashiringi. Basigura ko vyavuye ku ngingo ya reta ihagarika abavunja amahera mvamakungu mu buryo butemewe n’amategeko. Banegura ko ata bundi buryo bwo kuyaronka bashiriweho. Abaja gupagasa bemeza ko bahitamwo kuza baguze ibintu, batinya kwinjirana […]