Igihugu cacu c’Uburundi kirakeneye gusubira kwubakwa gushasha

Iyo abantu bumvise yuko igihugu cacu c’Uburundi gikwiriye gusubira kwubakwa gushasha, benshi biyumvira yuko ari ukujanayo imitahe bakadandaza kugira ngo ubutunzi butere imbere. Hariho abandi biyumvira yuko ari ukunagura inzego z’ubutungane n’izindi nzego zubakiye ku biturire, ku macakubiri y’amoko n’intara, ku macakubiri y’imigambge n’amadini; ariko s’uko biri. Ukwibaka igihugu neza bigera ku kwubaka ubuntu n’iteka […]