Umugambge w’ abapfuye ni imvugo iguma itangaza benshi.
Ibintu vy’imigambge umuntu asanga bigoye. Ibivugirwayo n’ibikorerwayo haraho umuntu asanga yuko naho bitwara uburyo bginshi n’umwanya munini w’abantu ari ukubatesha umwanya gusa. Umuntu akubitiye ku manyanga akorerwayo, imyereka, ububeshi n’ububisha ac’abona neza yuko atakamaro imigambge ifitiye igihugu c’Uburundi uretse ukugicuvya. Ehe akarorero kamwe k’umunyamuhambge yavuze ayo bamukoreye. Muzosanga abanjiye muri CNDD-FDD bajanwe no kuyisambura aribo […]