Amajambo ashikirizwa n’abategetsi b’igihugu ntahumuriza/ ni ugusengera igihugu
Biratangaza abantu cane kwumva hariho indongozi z’igihugu zubahuka kubarira urwaruka yuko igihugu c’Uburundi arico ca mbere kw’isi mu butunzi. Abandi ukaza wumva bavuze yuko abanyaburaya bashonje, bakenye kandi yuko n’ifaranga ryabo ritagira agaciro, bagatako bagahamagarira abenegihugu ngo baze barafasha abavuye muri ivyo bihugu vyo hanze. Benshi bibaza yuko abo bategetsi boba bahisemwo imvugo yo kwirengagiza […]