Umutumiro w’amasengesho yo kuwa 01/03/2023 yo gusambura imbaraga z’amangetengete mu gihugu cacu c’Uburundi.

UMUTUMIRO W’UMUNSI WO GUSENGERA IGIHUGU C’UBURUNDI NGO INKOTA Y’UHORAHO YURURUKE KU BAROZI Hariho ibintu biteye isoni mu gihugu cacu. Ivyo navyo n’ingene abarozi bari mu ntara zose, ama komine yose n’amazone yose agize igihugu cacu kandi bakirirwa bariha inkumbi mu bana, mu rwaruka no mu bahumure.Abaganza bo mu gihugu no mw’ishengero ataco babikozeko, abera b’Imana […]