INYIGATO NZIZA MUGUSENGA

NDABARAMUKIJE BAKUNDWA B’UMWAMI YESU MVUGA NTI UBUNTU BW’IMANA BUBE MURI MWEBWE! TUGOMBA TUGANIRE KU NYIFATO IBEREYE MUGUSENGA.Gusenga n’iki? Twogira inyifato iyihe mugusenga mugihe mu madini menshi ya gukirisu bavuga ko gusenga twobikora uko twigombeye?

GUSENGA: mururimi rw’igifaransa ni « PRIER » mukirundi ni « GUSABA ». None ko uwo dusenga canke dusaba ari UMWAMI Twomusaba gute? Kubo kwisi mukubasaba turiyengenga canke tugafukama none k’UMANA HO KWOBA ARI UKO?

MUSABE MUZOHABWA » » » » (mat7:7-12)

abanyefeso2:20 reka tubaze intumwa n’abahanuzi 

2 ingoma6:13( SALOMO YAPFUKAMYE IMBERE Y ABISIRAHERIi)

ZABURI95:6-7(UMWAMI DAWIDI YASABA KO BOPFUKAMA MUGUSABA)

yesaya45:22-23( INDAHIRO ITAZOKWIGERA YIRAHURUZWA)

aho hari nayandi masomo menshi tutavuze mubahanuzi reka tuvuge kuijanye n’Intumwa ZA KRISTO ARIKO KARORERO KACU Luka22:41(YESU MUGUSENGA YARAPFUKAMYE NKAHOTERWA IBUYE ARASENGA)

ivyako7:59-60(STEFANO ARAPFUKAMA ARASENGA BAMUTERA AMABUYE) soma kandi (ivyak9:40,21:5,abifilipi2:10) 

REKA TURABE ABEMERERWA GUSENGA UKUNDI

YES38:1(EZEKIYA YAHINDUKIYE KURUSIKA… YARARWAYE NONE NAWE WOBA urwaye?)

1abami18:28-29(none musenga bayali?)

matayo6:5(none nawe uri indyadya?) 

VYUKURI INYIFATO IBEREYE MU GUSENGA URAPFUKAMA IVYO VYO GUHAGARARA BAZOTUBWIRE ABO BA PASITORI IYO BABIKUYE! 

ndangije ndabipfuriza namwe kuyoboka ijambo ry’IMANA RY’UKURI aho kuyoboka ivyashinzwe n’abantu nagusabira isengesho bryawe ntiribe igisesema ku MANA (ariko7:7-9) 

MUHEZAGIRWE MWESE!

ubutumwabwiza.com

Publicités